I. Ngo nta na kimwe cotuma ibihano Uburundi bwafatiwe bihagarara, kuko abantu baguma bicwa mu gihugu. Bishikirizwa na Karoli Nditije arongoye umugambwe Uprona utemewe na Leta. Abivuga mu gihe Albert Shingiro arongoye ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, yasavye abafasha Uburundi kuri uyu wa kabiri, ko ivyo bihano bihava.
II. Chauvineau Mugwengezo arongoye urunani CFOR-Arusha ariyamiriza imvugo yo kunuranura, yaraye ikoreshejwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa aho yayikoresha avuga ku mpunzi z’abarundi ziri hanze y’igihugu. Kubwa Chauvineau Mugwengezo, iyo mvugo n’iy’ibiterasoni, kandi ngo mu gihe umuntu yahunze umutekano muke, ntiyokwitwa ko aba yagiye kunuranura.
III. Bamwe mu mpunzi z’abarundi zahungiye mu gihugu c’Urwanda i Gisenyi, ni mu burengero bw’igihugu, bariko barasubira kunagura urudandaza bahora bakora imbere y’uko ikiza ca Coronavirus gitera bakugara. Ivyo bigaterwa n’ukwo hari urudandazwa rutararekurwa mu ntumbero yo gukinga ikwiragizwa ry’ico kiza. Ngo ntivyoroshe rero ariko kandi bigasumba kwicara mu kurindira ko ico kiza kigabanuka bagasubira kwidegemvya mu rudandazwa.
IV. Inyuma y’imyaka indwi ihaciye habaye inama rukokoma y’ubutungane yari yabereye mu ntara ya Gitega, akaba ari naho habonetse umugambi wo kugwanya igiturire, vyaribonekeje ko ubutungane butigenga ata kizoshoboka mu vyo biyemeje. Bishikirizwa na Faustin NDIKUMANA umuhinga mu vy’ubutunzi, yemeza ko hari ibintu bitanu ngenderwako bikenewe kugira ngo habe impinduka muri ico gisata.
V. Mw’isekeza ry’ishirahamwe ACAT-Burundi ryo guhimiriza ngo abanyororo bagabanuke mu mabohero, uno munsi ugira 3 batubwira ku ngingo ya 154 y’itegeko riri mu gitabo mpanavyaha, itegeko hamwe rikurikijwe ryofasha kugirango abanyororo bagabanuke mu mabohero. Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi.
VI. Abanyagihugu bo ku mutumba wa Kibongera, zone na komine Muyinga, barashima kubona uwitwa Selemani Ndayizeye yari arongoye umutumba wa Kibongera kuva 2015 akurwa ku rutonde rw’abitoza ngo bazorongore uwo mutumba. Umugwi ujejwe gutegura amatora muri komine Muyinga CECI, wafashe iyo ngingo inyuma y’aho abanyagihugu bagumye bamwiyamiriza ngo kuko yarya ibiturire harimwo no gukubagura abakenyezi.
VII. Haburanishijwe kuri uyu wa gatatu urubanza rw’ikibiriraho muri sentare irwanya ibiturire. Urwo rubanza ruregwamwo icariho c’umushikirizamanza wa repuburika mu ntara ya Bubanza, Janvier GIRUKWISHAKA akaba yahagaritswe yagirizwa kwaka igiturire c’ibihumbi amajana ane y amafaranga y’amarundi. Uwumwunganira mu mategeko amenyesha ko uwo aburanira harimwo ivyo yemera mu vyo yagirizwa, akaba yasavye sentare guca inkoni ngufi. Umushingwamanza Emmanuel BURAKUVYA.
VIII. Tubibutseko ico cariho c’umushikirizamanza mu ntara ya BUBANZA Janvier GIRUKWISHAKA, yashengejwe n’abanyagihugu bari bamwituye nawe abanza kubasaba igiturire. Bamaze kukimuha baca bitura buramatari n’umushikirizamanza aho i Bubanza.