I. Abantu 5 bo mu muryango umwe bagizwe na Serugo n’umukenyezi wiwe, hamwe n’abana babo 3, nibo baraye bitavye Imana batuririwe mu nzu n’abagizi ba nabi, igihe c’isaha zitanu z’ijoro ryo ku musi wa gatatu, rishira uwa kane ku musozi wa Rugari, muri komine n’intara ya Muyinga. Abakoze iryo bara n’imvo zinyegeje inyuma y’ubwo bubisha bikaba bitaramenyekana. Abantu babiri bakaba bari mu minwe y’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
II. Haraye uruhagarara mw’ikambi y’impunzi ya Mtendeli muri Tanzaniya. Vyavuye ku makuru yuko hashobora kunyuruzwa bamwe mu mpunzi, bavuga ko vyoba bigirwa n’abapolisi ba Tanzaniya hamwe n’abakorera ubutegetsi bw’Uburundi, nkuko amakuru ava mu mpunzi abivuga. Hakaba hari impunzi zaraye imbere y’ibitaro vy’aho mw’ikambi kugira ntihagire abanyuruzwa. Ibintu bikaba vyasubiye mu buryo isaha zitanu z’umurango kuri uyu wa kane.
III. Abavyeyi b’impunzi baba mw’ikambi ya Mulongwe bavuga ko muri kino gihe amashure yugaye kubera uburuhuko no kubera ikiza ca COVID19, bitaborohera gutanga indero y’abana. Basaba ko hoboneka ibikorwa bifasha abo bana kugira ntibazohave baja mu ngeso z’ubuhumbu.
IV. Ngo n’ibiterasoni kandi bigayitse kubona umutegetsi nk’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Karerwa Jean Claude Ndenzako, akora kw’itama abarundi bahunze igihugu mu kuvugira kw’i radio BBC ko izo mpunzi zagiye kunuranura. Ivyo bivugwa n’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Rukabona ko ico ari igitutsi gikomeye cane, kandi atawocihanganira. Abategetsi b’i Burundi ngo bari bakwiye kwirinda amajambo mabi mwene ayo, kuko ashobora kubagarukako. Urunani FORSC ruvugako bimwe mu bizotuma impunzi zihunguka; ari gutuza umuhari w’imbonerakure; gushira ku murongo abajejwe umutekano hamwe no gushiraho ubutungane bubereye, butunganiriza bose budahengamye. Vital NSHIMIRIMANA arongoye urunani FORSC.
V. Mw’isekeza ry’ishirahamwe ACAT-BURUNDI ryo guhimiriza ngo abanyororo bagabanuke mu mabohero, uno munsi ugira kane, batubwira ku bijanye n’ingaruka z’ubwinshi bw’abanyororo ku magara yabo n’ingaruka ry’ugufungwa bitajanye n’amategeko ku butunzi bw’imiryango n’igihugu. Anitha GATERETSE, umuhuzabikorwa muri ACAT BURUNDI.
VI. Umushikiranganji mushasha ajejwe inkino, imicokama n’akarere ka Afrika yo mu buseruko, kuri uyu wa kane, yakoranije abaserukira abanda mu bisata bitandukanye vy’ubwo bushikiranganji. Mu vyo bumvikanye, bagiye guhimiriza abarundi gukunda ibikorerwa mu gihugu, no gushira imbere ibikorwa bizomenyekanisha Uburundi mu makungu, biciye mu nkino n’imico kama. Umushikiranji Ezechiel NIBIGIRA, ajejwe inkino, imicokama n’akarere ka EAC.