I. Umutama w’imyaka 68 yari azwi kw’izina rya Kosima Macumi n’umwuzukuru wiwe Zabuloni bo ku musozi Canamo, komine Kiremba n’intara ya Ngozi, baraye bishwe n’abantu bataramenyekana. Inkuru ziva aho iryo bara ryaguye, zivuga ko hari nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro aho haza abantu babomora urugi rw’inzu, babasanga iyo baryamye. Babakubise ubuhiri mu mutwe, hanyuma bamaze gucikana baca babaturirirako akazu babamwo. Mu gihe baterwa baratabaje ariko nta muntu yabaserutseko. Hakikekwa ko boba bishwe na bamwe mu babanyi babo, ngo kuko uwu mutama atarabwa ryiza mu kibano aho yari amaze imyaka indwi yimukiye aho kuri uwo mutumba wa Canamo, avuye ku musozi Nkanda wo muri komine Tangara, bisanzwe bihana urubibe na komine Kiremba. Imvo z’ubwo bwicanyi ngo zoba zifitaniye isano n’ukwagirizanya uburozi. Abantu 4 bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza.
II. Indimi z’igihushane nizo zishikirizwa n’abategetsi b’Uburundi ku bijanye no kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu kibanyi c’Urwanda.Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Shingiro, acinjira mu mabanga yiwe yavuze ko bagiye kwihutira kunagura imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu bibanyi, mu gihe uwuramutswa Uburundi wewe ku munsi wa kane w’ino ndwi aho yari mu ntara ya Kirundo yavuze ko badashobora kugirana imigenderanire n’igihugu ciyorobeka, akadomako urutoke igihugu c’Urwanda.
III. Daniel Gélase NDABIRABE yaraye atorewe kurongora inama nshingamateka y’Uburundi, akaba umwe mu barundi babaye igihe kinini mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda. Avuka muri komine Matongo y’intara ya Kayanza, akaba ari no mu basubijwe mu buzima busanzwe bahoze ku rugamba mu muhari CNDD-FDD. None Daniel Gélase Ndabirabe ni nde ? Ivyamuranze bikuru bikuru ni ibiki ?
IV. Frederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha, ngo ntakintu kinini abarundi bokwitega inyuma y’itorwa rya Gélase Ndabirabe nk’umukuru w’inama nshingamateka. Frederiko Bamvuginyumvira asigura ko hariho impamvu ituma hafi inzego zose z’igihugu zitwarwa n’abasirikare, nkuko na Gélase ari umusirikare.
V. Umuyobozi w’ibohero rya Gitega yari akwiye gukurikiranwa n’ubutungane kubera bigaragara ko ari mu batanga uruhusha rwo kwishira no kwizana kw’umunyororo Jackson Nzoyikeza, adomwako urutoke n’abanyagihugu ko yoba asohoka ibohero agatwarwa n’imodoka z’iperereza. Ivyo bimenyeshwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi asanzwe ajejwe igisata co kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, akaba akurikiranira hafi n’ibibera mu mabohero mu Burundi. Uwo mushingwamanza amenyeshako ibikorwa n’uwo munyororo biteye kubiri n’amategeko agenga amabohero mu Burundi.
VI. Mu kiganiro Kw’Isôko c’uno musi turaraba aho ifumbire y’uruganda FOMI igeze mu vy’uburimyi , n’inyuma y’ikiringo cababa umwaka iyo fumbire iriko irakoreshwa mu Burundi.