Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/08/2020

Publié le 17 août 2020 par Rédaction

I. Umuntu umwe yishwe arashwe mu gitondo co kuri uyu wa mbere, mu gisagara ca Kayanza. Uwo yapfuye ni umupolisi yarashwe na mugenziwe. Imvo zoba zatumye amurasa ntiziramenyekana. Abantu batanu nibo bafashwe ku mvo z’amatohoza. Urwo rupfu rukaba rushitse mu gihe hirya no hino mu gihugu, hamaze imisi hibonekeza ububisha n’ubwicanyi budasanzwe.  

II. Umuhari uharanira  agateka ka zina muntu Iteka uratewe umutima uhagaze n’ubwicanyi hamwe n’ubundi bubisha,  bwasubiriye kwiyongera mu gihugu. Anschaire NIKOYAGIZE awurongoye, arerekana ko ukudahana kuri mu bituma ubukozi bw’ikibi bwiyongera. Ukurwanya ukudahana hamwe no gukura ibirwanisho mu babitunze batabifitiye uruhusha, biri mu vyotuma ubwo bwicanyi butuzwa.

III. Ubusuma bwo mu mazu bwabaye ndanse mu ma karitiye amwe amwe yo ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Mu ndwi iheze honyene, imiryango itatu yaribwe. Bene gusahurwa bakagiriza bamwe mu nyamiramabi ko bakingira ikibaba abo babisha, kuko baca barekurwa iyo bafashwe.

IV. Hari umushingwamanza apfunzwe kuva ku munsi wa gatandatu muri komine Matongo, intara ya Kayanza. Uwo muntu yapfunzwe inyuma yo gukubitwa n’icegera c’uwutwara imbonerakure muri iyo komine. Ababibonye bavuga y’ukwo uyo munshingwamanza yahohotewe kandi ataco azira.

V. Impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zihimirizwa gutaha ngo kubera y’uko intwaro nshasha irangwa n’amahoro n’umutekano. Ivyo vyashikirijwe n’mushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, George SIMBACHAWENE. Uyo mushikiranganji, kuri uyu wa mbere, yazindutse agira urugendo mu makambi y’impunzi abamwo abarundi, i Tabora mu ntara ya Kigoma. Izo mpunzi zikabibonamwo iterabwoba kuko hatari bwagere ko bataha, kuko ubwicanyi bahunze n’ubu bukiharangwa.

VI. Imigambwe n’abanyepolitike bashigikiye iciyumviro ca Gahutu Rémy n’umugambwe Palipehutu, bahamagarirwa kuja hamwe maze biyunge n’umugambwe CNDD-FDD. N’akamo ka Nick Pol Casimir Nicayenzi, arongoye umugambwe MPH, hari mu kiganiro yaremesheje kuri uwu wa mbere. Agasaba ko ico urwo runani rwotangurirako, ari ugutahukana ibisigarira vya Gahutu Rémy, yagandaguriwe mu gihugu ca Tanzaniya, haraheze imyaka 30.

VII. Ibishikirizwa na Nick Pol Casimir Nicayenzi, vyamirirwa kure na Charles Nditije, arongoye umugambwe Uprona, utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Gitega. Akibutsa ko uwo mugambwe Palipehutu utigeze wemerwa nk’umugambwe, kuko amategeko y’igihugu atemera umugambwe ufatiye ku bwoko. Abona ko uwo mugambi ari uwo gusubiza inyuma abarundi, ubasubiza mu vy’ubwoko.

VIII. Haravugwa ubunyonyezi mw’ivuriro rya Gasanda riri muri komine ya Bururi mu ntara ya Bururi. Bamwe mu bakozi bo muri iryo vuriro, begeka ubunyonyezi ku wurongoye iryo vuriro asanzwe ari umwe mu bagize ishirahamwe COSEDI, ryahawe isoko ryo kwagura iryo vuriro. Uwo arirongoye we, akaba avuga ko ata bunyonyezi burimwo ahubwo ibikorwa bigenda neza cane.

Ibindi bisa n'ibi