Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/08/2020

Publié le 20 août 2020 par Rédaction

I. Italiki 20 Myandagaro umwaka wa 2015 gushika italiki 20 Myandagaro umwaka wa 2020, haheze imyaka itanu ni na co kiringo Petero Nkurunziza yategerezwa kumara agitwara Uburundi, ku kiringo kigira gatatu. Akaba yariko aratwara igihugu induru zivuga, kuko iyo ntwaro yiwe yahitanye abarundi bataramenyekana igitigiri, abandi nabo bakaba barataye baromoka, barahungira mu bihugu bitandukanye. Ico gihe c’imyaka 5 cabaye kirekire ku bahuye n’amahano atandukanye haba ku baba mu gihugu canke mu bahungiye mu bindi bihugu. Inyuma y’urupfu rwa Petero Nkurunziza, uwamusubiriye akaba nawe nyene yabandanije gutwara igihugu kirangwamwo ubwicanyi bukorwa n’imbonerakure, hamwe na bamwe mu nzego z’umutekano.

II. Abanyagihugu bo mu ma karitiye Yoba na Magarama intara ya Gitega, bariyamiriza inyifato y’umupolisi yitwa Minani aba mu gisagara ca Gitega ahohotera abanyagihugu, bagasaba bashimitse abarongoye igipolisi kumufatira ibihano, kugira agateka k’abanyagihugu kubahirizwe.

III. Intwazangabo ifise ipete rya Major azwi kw’izina rya Mpomerane yahora arongoye ikirindiro c’abasirikare kiri ku musozi wa Nkoyoyo,  komine n’intara ya Muyinga, yarinjijwe ibohero rikuru rya Ngozi ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Yagirizwa kuba yarafashe ku nguvu, umwana w’umukobwa w’imyaka 20 wo kuri uwo mutumba nyene, hari kw’igenekerezo rya 10 kuno kwezi kwa Myandagaro, nk’uko amakuru atandukanye avyemeza. Uwuregwa akaba abihakana.

IV. Umuforoma w’imyaka 46 yaraye ahagaritswe n’igipolisi yagirizwa ko yafashe ku nguvu umwigeme w’imyaka 16 yaragwaje uwundi muntu. Nyene gufatwa ku nguvu amenyeshako vyabereye mu murima w’imyumbati, ahitwa Kabere muri komine Mabayi. Inkuru ziva ku bitaro vya Mabayi zimenyeshako muri iyi myaka ibiri iheze, uwo muforoma ngo yari amaze guhindurigwa aho akorera yagirizwa gushurashuza ku nguvu abaforomakazi bakorana, mu gihe baba baraye kw’izamu ry’akazi.

V. Mu gihe himirije amatora y’abajenama b’imitumba n’ama karitiye kuwa 24 Myandagaro uno mwaka, uwurongoye umurwi uraba amatora CENI Pierre Claver Kazihise aributsa ibikuru bikuru vy’ingene abatora bazobigenza, harimwo n’uko uwutazi kwandika azitorera wenyene uwuzobimufasha.

VI. Clement Nkurunziza yaciriwe igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose, yarandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amusaba kumurenganura. Mu gihe yaciriwe urubanza yagirizwa kuba yari mu bishe abanyeshure b’abahutu bari muri kaminuza yo ku Mutanga mu mwaka wa 1995, Clement Nkurunziza avuga, muri iryo kete, ko igihe ubwo bwicanyi bwaba atari muri ico kigo, eka mbere atari no mu nzego z’iyo kaminuza.

VII. Ingingo zigwanya igiturire zamye zifatwa ariko kikaguma kiribwa. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire, ni inyuma y’aho igipolisi c’Uburundi kimenyeshereje ko gitanze inomero itariha, kugira ngo abarya ibiturire bafatwe. Gabriel Rufyiri akerekana amakenga ko abarya ibiturire binini binini atawuzobakorako.

VIII. Ubwato bwari buvuye mu gihugu ca Tanzaniya bwarimwo abantu 3 n’itoni 100 z’umunyu  buja mu ntara ya Rumonge, bwagonze ibuye ryari mu kiyaga Tanganyika mu bucagucagu bwo kuri uyu wa kane. Ubwo bwato bwaciye busambuka ivyarimwo vyiyubika mu mazi, kiretse itoni zitatu zashoboye gukurwayo nk’uko vyemezwa n’umuhanuzi wa musitanteri wa komine Nyanza-lac, ajejwe ibibazo vy’imico n’imibano. Abasirikare bo mw’ikambi ya Nyanza-lac bakaba bashoboye kurokora ubuzima bw’abo bantu 3 bari baburimwo, ubu bakaba bari ku kirindiro c’igisirikare co mu mazi c’i Nyanza-lac, mu kurindira ko abajejwe intwaro baronka ingene babasubiza  iwabo.

Ibindi bisa n'ibi