Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/08/2020

Publié le 22 août 2020 par Rédaction

I. Impunzi z’abarundi zizotahukanwa mu ntango z’indwi iza zivuye mu Rwanda, zizomara hafi indwi mu kigo c’imfatakibanza c’i Songore mu ntara ya Ngozi. Ariko rero uko siko vyari bisanzwe bimeze, nko ku mpunzi ziva muri Tanzaniya zimara umusi umwe zigaca zisubizwa iwabo. Amwe mu mashirahamwe ariko arafasha muri ico gikorwa akabonamwo ukudafata kumwe abahungutse.

II. Umwe mu bitoje ngo barongore umutumba wa Ndava muri komine Buganda y’inatara ya Cibitoke, yazindutse atabwa muri yompi n’igipolisi kuri uyu wa gatandatu. Ivyo yagirizwa ntibiramenyekana. Abanyagihugu b’aho ku Ndava bavuga ko ata kindi ariko arazira atari ivyiyumviro vyiwe vya politike kuko asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNL. Imvo zatumye afatwa ni kugira amatora ategekanijwe kuri uyu wa mbere azogere ari mu mvuto, gutyo ntaheze ngo atorwe hatorwe uwo mu mugambwe CNDD-FDD basanzwe bariko barahiganirwa ico kibanza.

III. Ntakindi gituma imbonerakure zigamba ku mabi zikorera abanyagihugu atar’uko ata tegeko na rimwe rizigenga, kandi zidashobora guhanwa n’abazituma, bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu. Abivuze mu gihe mu ntara ya Bujumbura, komine Mutimbuzi, urwo rwaruka rubicishije mu ma vidéo, rwigamba ubwicanyi  bwahabereye kuri uyu wa gatanu. Uwo munyapolitike akavuga ko ata nyungu urwo rwaruka ruzohatora, atari umuvumo mu ncuti no mu babanyi.

IV. Mu kigabane ‘’Kw’Isôko’’, tubabwira ingene umukenyezi aserukiwe mu nzego zifata ingingo mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi