Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/08/2020

Publié le 24 août 2020 par Rédaction

I. Hari ikiziga catowe gitekewe mu magunira mu gitondo c’uno wa mbere muri karitiye Twinyoni, zone Kamenge mu gisagara ca Bujumbura. Uwo muntu ngo yoba yiciwe ahandi mw’ijoro ryo kur’uwu wa Mungu, imbere yo kuza kumuta muri iyo karitiye. Mu kiringo c’indwi imwe gusa, hatowe ibiziga bine vy’abantu bishwe mu gisagara ca Bujumbura, imvo y’ubwo bwicanyi n’ababukoze ntibiramenyekana.

II. Umukenyezi w’imyaka 29 azwi kw’izina rya Sandrine Niyonzima yaraye yishwe anizwe, ku mutumba Gasasa wa zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga. Nk’uko amakuru ava kuri uwo mutumba avyemeza, uwo mukenyezi yari yubatse afise n’abana 3, yanigiwe mu cumba aryamyemwo n’abantu bataramenyekana. Umugabo wiwe ngo akaba yaramaze imyaka 2 mu gihugu ca Tanzaniya guca amafaranga, nk’uko ababanyi ba nyakwigendera bavyemeza. Imvo zinyegeje inyuma y’ubwo bukozi bw’ikibi ngo zikaba zoba zijanye no kwikekana k’uburozi hamwe n’indyane z’amatongo. Abantu 3 harimwo Sebukwe na baramu babiri ba Sandrine bakaba batawe muri yompi n’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Ubwicanyi bukaba bwabaye ndanse muri iyo zone ya Rugari, aho abantu 6 bose ari bo bishwe mu kwezi kumwe gusa kwa Myandagaro, batanu bagize umuryango umwe bakaba baheruka guturirirwa mu nzu bakanura.

III. Abantu 12 nibo bamaze kumenyekana ko baguye mu gitero c’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bateye mu ma komine ya Muhuta na Bugarama, mu ntara ya Rumonge kuri uyu w’Imana uheze. Kuri uyu wa mbere, hakaba hazindutse haraterwa ibisasu vya muzinga mw’ishamba bikeka ko ririmwo abo barwanyi b’umuhari Red Tabara, wamenyesheje kuri uyu wa Mungu ko watewe urivuna.

IV. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu amenyesha ko atewe ubwoba n’ubwicanyi bugize iminsi bwimonogoje mu gihugu. Ku bwiwe ngo intwaro ya Evariste Ndayishimiye nta gishasha izanye kuko n’ubu abantu baguma bicwa, nk’uko vyari bisanzwe bimeze.

V. Kuri uno wa mbere niho haba amatora y’abajenama b’imitumba n’ama karitiye, ari nayo matora asozereye amatora yo mu 2020. Ayo matora hamwe hamwe Radio Inzamba yashoboye gushika, akaba atitabwe ku rugero rushimishije biturutse y’uko hariho  bamwe bakuwe ku ntonde, abandi bakabona ko ayo matora ataco yoza ahindura ku yamaze kuba.

VI. Kubura ico bafungura no kutidegemvya, biri mu bituma impunzi z’abarundi zo mw’ikambi  y’i Lusenda mu gihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, zitaha mu gihugu c’amavuko. Zikavuga ko zimaze amezi arenga ane ata mfungurwa zironswa, kandi bakazibuza no kwisumamo. Impunzi  zasigaye zigasaba ko zokoroherezwa mu kuronswa ivyankenerwa.

VII. Umuhari MAP Burundi Buhire usaba Leta y’Uburundi gukuraho inzitizi zose zituma abarundi bahunze igihugu batinya gutahuka. Ivyo biri mw’itangazo uwo muhari wasohoye kuri uyu wa mbere, aho basaba Leta guhagarika ubwicanyi bwabaye ndanse mu gihugu, no kurekura abantu bapfungiwe ivyiyumviro vyabo vya politike. Léonce Maniriho ni umukomiseri ajejwe ikibazo c’impunzi n’abateshejwe izabo mu muhari MAP Burundi Buhire.

VIII. Umuhari MAP Burundi Buhire usaba kandi Leta y’Uburundi kutihutira gusubiza mu zabo abaziteshejwe n’urwimo rwo mu mwaka wa 1993. Ngo nyabuna ko Leta isanganywe umugambi wo gushira abanyagihugu mu birwati, ayo ma site y’abateshejwe izabo yotezwa imbere agashirwamwo n’abandi banyagihugu agaca acika ibirwati. Léonce Maniriho, komiseri ajejwe impunzi n’abateshejwe izabo muri MAP Burundi Buhire.

IX. Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yaraye ahamagariye abategetsi bari mu ntwaro yiwe, kuva kuri uyu wa mbere, ko botangura kwegeranya ibijanye n’amatungo yabo mu ntumbero yo kwubahiriza ibisabwa n’amategeko, mu bijanye no kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta. Abaharanira intwaro ibereye barashima ako kamo, bakabona ko  ari intambwe ikomeye ariko bagasaba ko itegeko ryohinyanyurwa kuko ririmwo utunenge.

Ibindi bisa n'ibi