Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/08/2020

Publié le 27 août 2020 par Rédaction

I. Abarundi 497 bagizwe n’imiryango 154 nibo batahukanywe mu Burundi bava mw’ikambi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda. Ku rubibe rwa Gasenyi-Nemba, bakiriwe n’abarongoye intara ya Kirundo. Muri abo bahungutse abarenga 80% bivugwa ko ari abo muri iyo ntara nyene ya Kirundo.

II. Inyuma rero y’iryo tahukanwa rya bamwe mu mpunzi zari mw’ikambi y’i Mahama, icuka cagumye ari ciza muri rusangi. Ku ruhande rw’abadashaka gutahuka, bavuga ko hataragera kuko ngo mu vyo bahunze harimwo umutekano muke, kandi ngo n’ubu niko bikiri.

III. Leta ifise uruhara runini cane mu bijanye no gutahukana impunzi zahunze kuko ari ikindi gice c’igihugu kiba cavuye mu gihugu, kubera ingorane zitandukanye. Ivyo bisigurwa na Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze arongoye umugwi w’igihugu ujejwe gusubiza mu zabo abaziteshejwe. Kubwiwe, hari ibintu vya nkenerwa leta itegerezwa gukora, kugira abahungutse bumve ko bashitse iwabo.

IV. Ingenzi zirimwo n’abarundi zikirindiriye ko leta y’Uburundi iha uruhusha indege y’ikompanyi SN Brussels y’Ububiligi kugira irwe ku butaka bw’Uburundi, bashizwe mu kibanza baba bararindiriyemwo ko uruhusha ruboneka. Izo ngenzi zikaba ziharugwa mw’ijana zikaba zavuye mu mihingo itandukanye; gushika ubu icatumye iyo ndege yankirwa kurwa i Bujumbura kikaba kitaramenyekana.

V. Nta gikorwa ciriwe gikozwe mu gisagara ca Rumonge kuri uyu wa kane. Imvo akaba ari kubera umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yahiriwe. Abanyarumonge bakabona ko vyogorana ko igihugu gitera imbere ibintu bikimeze gutyo.

VI. Umuhuza w’abarundi, Édouard Nduwimana, yagendeye umukecuru Concessa Nzeyimana wo ku mutumba Gatabo, komine Kayogoro, intara ya Makamba. Akaba amenyesha ko uwo mutamakazi w’imyaka 75 yituye urwo rwego igihe abajejwe intwaro ngaho mu Kayogoro bamwimuye, bakamushira mu kibanza kiri hafi ya zone Gatabo. Édouard Nduwimana akaba yamenyesheje ko ingingo yafashwe n’abajejwe intwaro, naho uwo mutamakazi aterekwa kuhaba ari ingingo yumvikana.  Concessa Nzeyimana we avugako ico kibanza kiri ku mutumba wa Rutenderi, wo muri iyo zone ata mutekano yumva afise kuko ngo habera ububisha butandukanye. Urwo rugendo umuhuza Eduard Nduwimana akaba yarukoze inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa kane.

VII. Imisi 311 niyo abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bamaze mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza. Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Thérence Mpozenzi na Egide Harerimana baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa nayo ikaba yakomeje igihano baciriwe, naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice, n’ihadabu ringana n’umuliyoni kuri umwe umwe wese. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine ya Musigati, ahariko harabera intambara hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko barekurwa kuko ata caha bakoze.

Ibindi bisa n'ibi