I. Ihagarikwa rya bamwe mu banyagihugu baba mu ma komine yagizweko ibitero n’imigwi yitwaje ibirwanisho, rirabandanya. Muri abo bahagarikwa hakaba harimwo bamwe mu rwaruka rw’abanyeshure bari mu burukuko, abanywanyi b’umugambwe CNL hamwe n’abandi bikekwa kuba batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Bafatwa bagirizwa kuba bakorana n’abo bagira ibitero.
II. Ngo nta gitangaje kubona iyo hadutse intureka ubutegetsi bw’i Gitega buca bwirara mu bantu bo mu bwoko bumwe bagasasika, kuko abo bategetsi baranzwe kuva muri kahise, n’inzanko zifatiye ku moko. Bishikirizwa na Anschaire Nikoyagize arongoye Ligue Iteka, aho atangazwa n’iryo hagarikwa nk’uko umengo nibo bazanye abatera umudugararo.
III. Umukenyezi w’umunyamabanga wa komine Bugenyuzi mu ntara ya Karuzi, yarasinzikarijwe ubuzima n’uwo bubakanye gushika aho ashikanwa kwa muganga ari indembe. Nyene kumusinzikariza ubuzima, ntarigera akomwakomwa. Amakuru ava mu kibano akemeza ko yitwaza ikibanza afise, muri komine Bugenyuzi no kuba ari imbonerakure y’umugambwe uri ku butegetsi. Ababanyi n’incuti ziwe basaba ko uwo mukenyezi yokingirwa, uwamusinzikarije ubuzima nawe akabihanirwa.
IV. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi urongowe na Marie Louise Baricako, usaba abarongoye igihugu ko uwo munyamabanga wa komine Bugenyuzi Gélase Nsengiyumva, yohagarikwa mu mabanga agashirwa mu minwe y’ubutungane kugira ntahave akora irindi bara, ngo yice uyo mukenyezi wiwe. Marie Louise Baricako akibutsa ko leta y’Uburundi yateyeko igikumu ku masezerano yo kw’isi abuza, akanahana uwo wese asinzikarije ubuzima ikiremwa muntu.
V. Ivyivugo leta nshasha iriko irashira imbere vya leta MVYEYI na leta NKOZI, bikwiye gusigurwa bikwiye kugira bibe amajambo ngenderwako. Uvyo bisabwa na Faustin NDIKUMANA akurikiranira hafi ibijanye n’ubutunzi n’intwaro ibereye. Faustin NDIKUMANA akabonako ivyo vyivugo biraba abarundi bose atari abari mu mugambwe uri ku butegetsi gusa. Faustin NDIKUMANA.
VI. Faustin NDIKUMANA agasaba ko ivyo vyivugo bikwiye kubonekera mu bikorwa, biza gutorera inyishu abarundi barimwo.