I. Inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu yarafashe ingingo y’uko abanyeshure bose bayobewe mu mwaka w’icenda w’ishure nshingiro, bose bategerezwa guhabwa ibibanza vyoguhitira. Umushikiranganji w’indero yasiguye ko amashure y’imyuga abo banyeshure bategerezwa kujamwo, afise ingorane zijanye n’abigisha hamwe n’ibikoresho. Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa leta y’Uburundi
II. Abavyeyi barashima ingingo irekurira abanyeshure bayoberwa umwaka w’icenda kudubura, kugira basubire bakore ikibazo ca Leta. Kubw’abavyeyi baganiriye na Radio Inzamba, ngo ingingo yahahora yari iy’akarenganyo, kuko abana baba bakiri bato bataragira aho bigejeje. Bagasaba ko ibibanza vyo kudubura vyotangwa bataravye aka mwana wa mama. Ikindi naco basaba ko abana batemerewe kudubura mu myaka iheze botunganirizwa, bagasubizwa mw’ishure.
III. Amashirahamwe arenga 200 afasha mu gisata c’impunzi mu gihugu ca Ouganda yahagaritswe kuva kuri uyu wa gatanu n’ubushikiranganji bujejwe impunzi muri ico gihugu. Imvo ngo akaba ari uko ayo mashirahamwe akora atisunze amategeko. Frédéric Ndayisenga aserukira impunzi z’abarundi muri ico gihugu, akavuga ko iyo ngingo izotuma haba ingaruka mbi nyinshi ku mpunzi z’abarundi zahora zironswa imfashanyo n’ayo mashirahamwe. Uyo aserukira izo mpunzi agasaba abarongoye ishirahamwe HCR kuvugana n’igihugu ca Ouganda kugira iyo ngingo yigwe neza.
IV. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Mulongwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bariko baronswa inyigisho zizomara imisi ibiri mu bijanye n’agateka ka zina muntu, cane cane ukugwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina. Inyigisho bahabwa biciye mu dukino. Kubw’izo mpunzi ngo izo nyigisho zigiye gufasha kinini mu gutatura amatati amwe amwe, hagati y’abagabo n’abagore babo.
V. Abarovyi bo mu kiyaga Tanganyika ntibashimishwa n’ingene bariko baratozwa ku nguvu amafranga ibihumbi 32.000 ku mwaka, agenewe gufasha mu gukinga no gushumbusha abahuye n’impanuka, ivyo bita assurance mu gifaransa. Uretse ko bavuga ko ayo mafaranga ari umurengera, bavuga kandi ko atozwa ku nguvu n’abajejwe intwaro bakoresheje inzego z’umutekano. Abarovyi bo mu kiyaga Tanganyika basaba ko hoba inama n’ingingo muri ivyo vyose bibategekanirijwe. Ishirahamwe rishaka gukorana n’abarovyi, rikaba ari Burundi Insurance and Reinsurance Company BIC mu mpfunyapfunyo y’icongereza.
VI. Mw’irima ry’agatasi ryimirije, integanyagihe yerekana ko hari ibice vy’Uburundi bizoronka imvura nkeyi, kandi ikazotasura itevye. Bishirizwa na Augustin Ngenzebuhoro, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe iteganyabihe mu Burundi IGEBU.
VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero haraheze imisi 319 i Bubanza. Baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa nayo ikaba yakomeje igihano baciriwe naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine ya Musigati ahariko harabera intambara hagati y’inzego z’umutekano, hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Nabo ni Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana, bagirizwa kwifatanya n’aba reberi. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko barekurwa kuko ata caha bakoze, uretse ko bakoze akazi kabo.