I. Abasore batanu bo ku mutumba wa Namande, zone Yanza, komine Rusaka, intara ya Mwaro, barabuzwe iyo bafungiwe inyuma yaho bafatiwe n’igipolisi co mu ntara ya Mwaro. Batatu bafashwe ku musi wa mbere, abandi babiri bafatwa ku musi wa kabiri. Imiryango yabo yaragerageje kugendera amabohero atandukanye yo mu ntara ya Mwaro na Muramvya, ariko barabuze aho boba bafungiwe, ivyo bikaba bibateye ubwoba. Bagasaba ko abajejwe intwaro bobafasha gutora aho ababo bafungiwe.
II. Imisi 320 iraheze abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero i Bubanza. Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa nayo ikaba yakomeje igihano baciriwe, naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice n’ihadabu ringana n’umuliyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine Musigati ahariko harabera intambara, hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko borekurwa, kuko atacaha bakoze, uretse ko bakoze akazi kabo.
III. Kubona leta y’Uburundi yemanze ko igisata c’indero gicumbagira ngo ni ivyo gushima. Ivyo n’ibishikirizwa na Libérat Ntibashirakandi yanonosoye ibijanye n’indero. Aho ni mu gihe mu nama nshikiranganji yo kuri uyu wa gatatu, vyibonekeje ko amashure y’imyuga yahora yakira abanyeshure bahitiye afise ubukene bw’abigisha n’ibikoresho, ari naco gituma hafashwe ingingo y’uko abanyeshure bayobewe mu mwaka w’icenda shingiro baronswa ibibanza vyo guhitira.
IV. Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yaraye amenyesheje ko abagabo n’abagore batazopfa banganye mu gihugu c’Uburundi. Akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu mu nama y’abakenyezi b’indongozi ku rwego rwo hejuru. Imvugo itakiriwe neza na bamwe mu bakenyezi baharanira agateka k’abakenyezi. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi urongowe na Marie Louise Baricako, uvuga ko imbere y’amategeko, umugabo n’umugore bangana.
V. N’aho hari ubushakashatsi bwinshi ku bijanye n’urucanco rwa coronavirus, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, rimenyesha ko ritazokwemera urucanco rudakwije vya ngombwa. Uwurongoye iryo shirahamwe yabimenyesheje kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, mu gihe hari ibihugu vyamaze gutangura gukoresha incanco vyatoye. Kur’ivyo bihugu, abisaba gutangurira ku bakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu, abashaje n’abagendana indwara zidakira.
VI. Mu kigabane ‘’Kw’isoko’’, tubabwira integuro zijanye n’iyugururwa ry’umwaka w’ishure w’umwaka wa 2020 ushira uwa 2021 uzotangura ku wa mbere igenekerezo rya 07 Nyakanga umwaka wa 2020.