Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/09/2020

Publié le 8 septembre 2020 par Rédaction

I. Abantu indwi ni bo bafashwe n’igipolisi gifadikanije n’imbonerakure mu ma komine ya Burambi na Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Iryo fatwa ryabaye inyuma y’igitero cakozwe n’umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho utaramenyekana, ku mutumba Gisagazuba, wa komine Burambi. Ico gitero cahitanye abantu batatu, harimwo abakenyezi babiri. Imiryango y’abafashwe ifise amakenga ku mutekano wabo, bagasaba ariko ko hokorwa amatohoza yimbitse, kugira ntihagire abarwa mu mporero.

II. Amahoro n’umutekano mu Burundi biracari kure kubera ubwicanyi bwabaye ndanse mu gihugu. Ivyo bivugwa na Karori Nditije, arongoye umugamwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi, akabivuga afatiye ku cegeranyo c’umuhari Iteka waraye usohoye, aho werekanye ko abantu barenga 100 bamaze kwicwa mu mezi abiri Evariste Ndayishimiye atowe kurongora Uburundi. Ku bwiwe, abarundi bakwiye gutahura ko iyi leta nshasha ya Ndayishimiye idatandukanye na gato na leta ya Petero Nkurunziza, yishe yongera yangaza abarundi isinzi.

III. Kubona abacamanza baburabuzwa mu kazi kabo ngo biva ku kuba abacamanza mu Burundi batagishobora guhagararira ubwigenge bwabo. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushingwamanza Vital NSHIMIRIMANA, yigeze no kurongora urwego rw’abacamanza mu Burundi SYMABU. Umushingwamanza Vital NSHIMIRIMANA afatira ku vyashikiye abacamanza bo muri sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa ku wa 25 Myandagaro, aho umugwi w’imbonerakure wakubagura abacamanza bari bagiye gushikiriza urubanza rujanye n’itongo. Ukuburabuza rero abacamanza mu kazi kabo, ngo birahanwa n’amategeko.

IV. Ibintu ntivyifashe neza kw’ishure rya Karurama riri hafi y’igisagara c’intara ya Cibitoke. kubw’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, ngo abana biga mu myaka ya mbere y’ishure shingiro biga mu buryo butaboroheye, aho usanga mbere hari n’isomero rimwe ririmwo abana bagera kwa 170. Ivyo rero ngo bikaba bidatangaje, nkuko bivugwa n’umuhinga mu bijanye n’indero Libérat Ntibashirakandi. Ku bwiwe nta migambi n’imigabo bibereye, ubutegetsi bwigeze bugira mu bijanye n’igisata c’indero.

V. Abarondera impapuro zitandukanye mu biro vya komine Rumonge baridoga ko badatunganirizwa neza. Bavuga ko babanza gusabwa udukarata tw’itora, rimwe na rimwe bigakorwa n’imbonerakure. Uretse ko bibatevya mu migambi yabo baba biteguriye kurangura, ngo bijamwo n’akarenganyo cane cane ku batari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

VI. Abarundi bahungiye mu gihugu ca Congo bari mw’ikambi mfatakibanza ya Monge Monge, bafise ubwoba ko bashobora kwandura umugera wa Covid-19, kubera babana ari benshi kandi ntibakingirwe. Basaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kubimurira mu yindi kambi, aho bashobora kwagukirwa.

Ibindi bisa n'ibi