I. Abantu 6 baraye bishwe barashwe, 5 barakomereka cane, 1 nawe aranyuruzwa mu gitero c’umugwi witwaje ibirwanisho, bazananye mw’ishamba cimeza rya Kibira. Hari igihe c’isaha zibiri mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane ku musozi Nyarumanga, komine Matongo, n’intara ya Kayanza. Muri abo bishwe, bane ni abagabo, babiri na bo ni abana bahora biga mw’ishure shingiro. Abanyagihugu bakidogera abajejwe umutekano ko batatabaye. Inkuru dukura aho i Matongo yemeza ko hariho n’uwundi umwe yahavuye acikanira kwa muganga.
II. Ubwato bubiri bwaraye buturiwe kuri uyu wa kane, kunkengera y’ikiyaga Tanganyika ku ruhande rw’igisagara ca Rumonge. Bwaturiwe n’abasirikare barwanira mu mazi. Amakuru ava aho mu Rumonge, avuga ko babwiketsemwo abagwanyi, boba bagomba binjire mu gisagara ca Rumonge.
III. Abanyagihugu baba mu ma komine yavuzwe ko yaciyemwo abarwanyi, abanyagihugu baho bahamagarirwa kwirarira hakoreshejwe amarondo. Abatagiye kw’irondo bafatwa nk’abashigikiye umwansi, kandi bagahanishwa ihadabu y’amafaranga angana ibihumbi cumi, y’amarundi. Mu bice bimwe bimwe, imbonerakure abozisanze batagiye kw’irondo barakubitwa bagatana n’ikibando.
IV. Igikorwa co gukora irondo s’ic’abanyagihugu ahubwo n’ic’inzego z’umutekano, kuko ari zo zikingira abanyagihugu. Ivyo n’ibishikirizwa na Chauvineau Murwengezo, arongoye urunani CFOR ARUSHA. Ni mu gihe mu ma komine amwe amwe, abanyagihugu bararikwa gukora ayo marondo ku nguvu. Abatabikoze bagakubitwa canke bagatozwa amahadabu. Chauvineau Murwengezo akabona ko uko ari uguhohotera agateka ka kiremwa muntu. Ngo ikindi coba cinyegeje inyuma, n’uko uwutagiye muri ayo marondo aca afatwa nk’umwansi w’igihugu.
V. Imisi 326 iraheze abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero i Bubanza. Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa na yo ikaba yakomeje igihano baciriwe. Naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice, n’ihadabu ringana n’umuliyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine Musigati, ahariko harabera intambara, hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru, akaba adahengeshanya gusaba ko borekurwa, kuko ata caha bakoze, uretse ko bakoze akazi kabo.
VI. Umuryango w’ibihugu vy’ubumwe bwa bulaya ntushobora kuronka ikintu ufatirako kugira usubire gufasha Uburundi, kubera agateka ka zina muntu kabandanya guhungabana. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi FORSC. Abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa kane, uwuserukira ubumwe bwa bulaya yahabwa umubonano n’umushikiranganji wa mbere mu Burundi kugira bavugane ukuntu uwo muryango wokuraho ibihano ku Burundi. Vital Nshimirimana akizera ko leta y’i Bujumbura igiye kuronka inkebuzo y’ubumwe bwa bulaya kugira agateka kazina muntu kubahirizwe mu Burundi.
VII. Itegeko ritandukanya amabanga ya politike n’ay’ubuhinga, n’itegeko rihambaye kuko rituma intwaro ibereye n’iterambere bishobora gusasagara mu gihugu n’indyane mu vya politike zikagabanuka. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, yitaho ivy’ubutunzi n’intwaro ibereye, aho asaba reta gukurikiza iryo tegeko, kuko iyo ridakurikijwe bitera ingaruka mbi nyinshi.