Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/09/2020

Publié le 16 septembre 2020 par Rédaction

I. Abantu batatu bivugwa ko ari imbonerakure baraye bishwe barashwe, abandi barakomereka harimwo umwe ababaye cane, abandi baranyuruzwa n’abantu bitwaje ibigwanisho. Uwo mugwi wateye ku mutumba Maramvya, muri komine ya Burambi, mu ntara ya Rumonge. Abajejwe umutekano baragerageje gukurikirana abo bagwanyi kugeza muri komine ya Mugamba.

II. Ibitero bimaze imisi bigirwa muri zone Maramvya, komine Burambi, intara ya Rumonge, bituma abanyagihugu baguma bata izabo iyo bugorovye. Ivyo bakabigira kubera gutinya kwicwa. Hano basaba ko umutekano wabo wocungererwa bikwiye.

III. Umuhari Red Tabara urasubira kwemanga ko ari wo wonyene rudende uriko uratera hamwe hamwe mu ntara zo mu gihugu hagati, ariko ngo ntiworeka gukorana n’abandi barundi bumva kumwe umugambi wo gusenyura ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Uko niko bishikirizwa n’umuvugizi wa Red Tabara. Patrick Nahimana asigura ko biyubara kurwanya umu civil aho baca hose ku rugamba bariko, n’aho ngo bishika ntihabure abarwa mu mporero.

IV. Umugabo yitwa Daniel Hatungimana w’imyaka hafi 40 wo ku musozi Cigumije, zone Mivo, muri komine Ngozi, yaraye apfuye yishwe n’abazamu. Inkuru ziva muri zone ya Mivo zimenyesha ko uwo mugabo yafatiwe ku musozi Mwungere wo muri iyo zone, aho yari yagiye kwiba. Uwo mugabo rero ngo yararwanije abazamu bariko baraba ukugene bomufata. Na bo mu kwivuna bamukubise ubuhiri ari naho yaca acikana. Abanyagihugu bo ku musozi Cigumije uwo nyakwigendera yabako, bakamenyesha ko yari asanzwe ari umusuma.

V. Faustin NDIKUMANA, umuhinga akurikiranira hafi ivy’ubutunzi, imibano n’intwaro ibereye, aratera akamo leta y’Uburundi gukoranya inama rukokoma yiga ingorane z’ubutunzi n’icokorwa kugira bwisununure. Kubwiwe ngo iyo nama yotuma abarundi bahindura inyifato bakitwararika guteza imbere igihugu.

VI. N’akanyamuneza kuri bamwe mu mpunzi z’abarundi baba mw’ikambi y’i Mulongwe muri Repuburika iharanira demokarasi ya Congo, aho baronkejwe ibikoresho vyo kuroba. Ivyo bikoresho bikaba vyaronkejwe imigwi 2. Buri mugwi ukaba ugizwe n’abantu 10. Muri iyo migwi nyene hakaba harimwo n’abanyeCongo batatu. Bamwe mu mpunzi bavuganye na radio Inzamba bakaba bashima cane ivyo bikoresho, bavuga ko bigiye gutuma bikenura.

VII. Sentare nkuru y’igihugu ikukira intara ya Makamba, yaciriye kuri uyu wa gatatu, umunyororo wo guherayo mu rubanza rw’ikibiriraho, umugabo yitwa Bucumi Leonidas w’imyaka 33, ku caha co kwica abiteguye, umugabo yitwa Niyongabo Jean Bosco, bahora babana ku mutumba wa Siza, komine Makamba, akaba yamwicishije imbugita. Uwo yagirizwa ubwicanyi akaba hambavu yo gupfungwa, yategetswe kuriha n’indishi y’akababaro ku muryango wabuze, imiriyoni 10 z’amafaranga y’amarundi. Ayo mahera atarishwe, ngo hakazoca hafatwa ubutunzi bw’umuryango bukwiranye n’ayo mahera. Niyongabo Jean Bosco yagandaguwe akaba asize umupfakazi n’abana babiri.

VIII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatatu iminsi 331 bafunzwe. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu, yiyamirije.

Ibindi bisa n'ibi