I. Umusirikare yaraye yishwe arashwe, n’abapolisi muri zone Kanyosha ya komine Muha, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Intandaro ya vyose, uwo musirikare yashwanye n’uwunguruza abantu kw’ipikipiki mu kutumvikana ku giciro. Ivyo bimaze guhera, niho abapolisi basanga uwo musirikare aho yariko yivuna akanyota, baca baramurasa.
II. Kuwa 21 Nyakanga ukwo umwaka utashe, umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro urahimbazwa kw’isi yose. Kuri uno munsi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rihamagarira isi yose, kwigira hamwe kazoza k’ingene amahoro yotsimbatazwa muri kino gihe isi yugarijwe n’ikiza ca coronavirus.
III. Turi italiki 21 Nyakanga, umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro, radio Inzamba yahaye ijambo abarundi kuri uyu musi. Bamwe bemeza ko amahoro ari yose mu Burundi, abandi nabo bati biragoye kuvuga iryo jambo « amahoro » mu gihugu abatavuga rumwe n’ubutegetsi bariko batotezwa nabwo, igihugu kandi abakibamwo bama mu bwoba bwo kwicwa, kubera umutekano muke.
IV. Mu muhari MAP Burundi buhire babona ko amahoro abategetsi b’Uburundi bavuga atari yo na mba, kuko biribonekeza ko abarundi benshi barara ntibuca mu gihugu. Emery Pacifique Igiraneza, arongoye uwo muhari, akavuga ko amahoro atari ay’abo batwara gusa, ari co gituma ahamagarira abarundi kuva hasi bagafatana mu nda, mu kurondera amahoro arama.
V. Umugwi w’abakozi bakora ku nyubakwa izokoreramwo buramatari w’intara ya Makamba, bazindutse bugariza ibiro vy’intara kuri uyu wa mbere. Amakuru ava aho i Makamba avuga ko bariko bishuza agahembo kabo haheze igihe kirekire bataronswa. Bagasaba ibiro vy’intara ya Makamba kubatunganiriza.
VI. Ishirahamwe Olucome ririyamiriza ingingo yo gushorera ubutare bw’Uburundi mu gihugu ca Tanzaniya, nkuko vyashikirijwe mw’ijambo ry’umukuru w’ico gihugu, igihe yakira mugenzi we w’Uburundi mu mpera y’indwi iheze. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe rigwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya reta, ubutare bw’igihugu bwegukira abanyagihugu bose, ari naco gituma hojamwo umuco muri ayo masezerano, nkuko bitegekanwa n’ibwirizwa nshingiro. Gabriel Rufyiri.
VII. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, amenyesha ko ataho vyakabaye umukuru w’igihugu yemanga akavuga ishengero rikoranye, ko uwundi mukuru w’igihugu ari se, naho yoba yamukoreye ibimeze gute. Frédéric Bamvuginyumvira akaba abivuze inyuma y’aho Evaritse Ndayishimiye, mu rugendo yagize kuri uno wa gatandatu i Kigoma muri Tanzaniya, yavuze ko umukuru w’ico gihugu ari se wiwe. Uyo yahoze ari icegera c’umukuru w’iguhugu avuga ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yihenze cane, kuko ibihugu mu bijanye n’imigenderanire nta kiruta ikindi.
VIII. Amajambo abiba urwanko yagiye arashikirizwa muri uku kwezi na bamwe mu ndongozi muri politike harimwo n’umukuru w’igihugu, ni bimwe biri mu cegeranyo casohowe kuri uyu wa mbere n’ishirahamwe ry’abantu b’intungane. Gervais Nibigira, ajejwe gutanga amakuru muri iryo shirahamwe, aratubwira ibiri muri ico cegeranyo basohoye.
IX. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane iminsi 336 bafunzwe. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu, yiyamirije.