I. Hari umurundikazi yaraye agenwe mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu Amnesty International ikukira igihugu ca Canada. Uwo murundikazi akaba yitwa Ketty Nivyabandi. Imbere yo gusaba ubuhungiro mu gihugu ca Canada, uyo murundikazi yabaye mu muhari w’abakenyezi n’abigeme batunganije imyiyerekano yo kugwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aho atatinye guhangana n’abapolisi bariko barakubagura abari muri iyo myiyerekano yo gusaba impinduka mu gihugu. Ketty Nivyabandi azwi kandi nk’umwe mu baremesha ibiteramo ku bijanye n’agateka k’abakenyezi, agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe n’ibijanye no kuvugira abahohoterwa. Ketty Nivyabandi akaba abaye umukenyezi wa mbere, w’umwirabure kandi w’impunzi agiye kuba muri ico kibanza.
II. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo mu ntara ya Rumonge na cane cane abo mu gisagara, bivuye ku bikorwa vyo gukizura vy’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD. Amakuru yo kwizera Radio Inzamba ikura muri bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure mu gisagara ca Rumonge, yemeza ko urwo rwaruka ruja gukizura rwitaje inkoho bakura mw’ikambi ya Rumonge.
III. Abantu ijana na mirongo umunani na batandatu (186) nibo bishwe mu kiringo c’amezi hafi atatu. Bikaba biri mu cegeranyo c’umuhari uharanira agateka ka muntu ITEKA. Uwo muhari ukavuga ko ivy’agateka ka muntu mu Burundi vyayangaye muri aya mezi atatu umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE amaze ari ku butegetsi.
IV. Abasirikare b’Uburundi bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya mu rwego rwa AMISOM mu mfunyapfunyo basaba reta y’Uburundi kubakomorera amafaranga y’agahembo kabo k’amezi umunani bemeza ko baheraniwe. Bavuga ko badatahura ingene bagenzi babo bakomoka mu bindi bihugu baronswa amafaranga yabo, ata birarane bibayemwo, kandi bakorera ishirahamwe rimwe ry’ubumwe bwa Afrika.
V. Imiryango 11 y’impunzi z’abarundi yo mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya yatwawe mu buryo buteye amakenga, bikozwe n’igipolisi c’ico gihugu mu gitondo co kuri uyu wa kabiri. Izo mpunzi zari zahawe itegeko ryo gutekera utwabo kugira zimurirwe mu kibanza kitamenyeshejwe icese. Igipolisi ca Tanzaniya cashimye kuburiza ku nguvu imodoka, kubajana ahantu hataramenyekana.