I. Umuntu azwi kw’izina rya Déo yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uyu wa kane, mu gisagara ca Bujumbura iruhande ya cathédrale Regina Mundi. Uyo muntu bivugwa ko yoba avuka muri komine ya Mugamba. Amakuru atangwa n’ababonye ico kiziga, avuga ko umubiri wiwe warufise ibikomere. Umuryango ukaba wemeza ko ayari yarabuzwe irengero hari haciye imisi 2. Igipolisi kivuga ko catanguje amatohoza.
II. Haravugwa ingeso yo kugurisha bimwe mu bikoresho vy’abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya bakoresha. Insiguro itangwa ngo n’uko haheze amezi umunani badahembwa, kandi bagenzi babo bo mu bindi bihugu baronswa umushahara ku kwezi ku kwezi ata ngorane.
III. Abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu barasaba kuronswa amafaranga y’agashirukabute, mu gikorwa bakoze co kurwanya ikiza c’indwara ya Covid19 yatanzwe n’ishirahamwe UNICEF. Abo bakozi basaba ayo mafaranga ni abashizwe mu bikorwa vy’ubutabazi bwihuta.
IV. Mu gihe ukwezi guheze umukuru w’igihugu atanze ikiringo c’indwi zibiri kugira ngo abagize leta n’abari mu nzego zikuru z’igihugu babe bamenyesheje amatungo bafise, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME avuga ko bibabaje kubona akamo kiwe katigeze kumvirwa. Kubwa Gabriel Rufyiri ngo n’ibara kubona ijambo ry’umukuru w’igihugu rihera nk’ifu y’imijira.
V. Sendika y’abigisha COSESSONA yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, aho yamenyesheje ko bafise amakenga kubona igikorwa co kunganisha imishahara no gushira abigisha hafi y’imiryango yabo, kiriko gikorwa nabi, batibagiye ukwivanga mu kazi k’ama sendika. Rémy Nsengiyumva, umunyabanga mukuru wa COSESSONA asaba umushikiranganji ajejwe abakozi n’akazi, kubaha umwanya ibiganiro bigashirwa imbere.
VI. Abo bigisha basaba reta kandi gushira mu ngiro ivyo yapfunditse na sendika y’abigisha, imvugo ikajana n’ingiro.
VII. Kuri uyu wa kane, umugwi wa gatatu w’impunzi z’abarundi zingana 511 zo mw’ikambi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda zatahukanywe mu Burundi, nkuko vyamenyeshejwe n’ishirahamwe HCR mu gihugu c’Urwanda. Abo batashe bakaba bagize igice ca gatatu c’impunzi z’abarundi zitahukanywe ku bushake bwazo. Kubw’ibiro vya HCR mu Rwanda, impunzi zimaze gutaha zose mu bice bitatu barenga 1500.