I. Umuntu umwe yarishwe, uwundi araburwa irengero mu gitero cakozwe n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho bataramenyekana, mw’ijoro ryakeye ryo ku wa gatanu rishira ku wa gatandatu. Ivyo bikaba vyabereye muri zone Rugazi, komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza. Na yo muri komine Mabanda, mu ntara ya Makamba, kuri uno wa gatandatu, igipolisi canzindutse kirasaka ku rugo rw’uwahoze mu gisirikare ca kera, azwi kw’izina rya Charles Ndikumana, ariko nta co cahatoye.
II. Umukuru w’igihugu yarabeshe abarundi mu kwemeza ko ata ba reberi bariko baratera igihugu, mu kiganiro yaraye agiranye n’abanyagihugu. Ivyo bivugwa na Charles NDITIJE, arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi. Ku bwiwe, kubona Evariste NDAYISHIMIYE mu mvugo yiwe afata minenerwe ibitero bihitana abantu, vyerekana ko abarongoye igihugu batanezwe umutekano w’abo barongoye.
III. Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo baratekewe n’ubwoba, inyuma y’inama yagirishijwe ejo ku musi wa gatanu imbonerakure zimwe zimwe zo muri iyo ntara. Nkuko bivugwa n’umwe mu banyagihugu yaburiwe n’izo mbonerakure, umuntu wese ngo atavuga rumwe n’ubutegetsi ngo n’ukumufata nk’igihere, kandi ngo nta kindi bagikorera atari kugifyonyora.
IV. Nta kirahinduka mu minsi ijana prezida Evariste NDAYISHIMIYE amaze atwara ariko Reta ibishatse cohinduka. Ivyo n’ivyashikirijwe n’abari mu nama yateguwe n’umuhari MAP Burundi Buhire, ku munsi wa gatanu, aho bariko bihweza ibimaze gukorwa na Reta ya NDAYISHIMIYE, kuva ashitse ku butegetsi. Kubwa Emery Pacifique IGIRANEZA arongoye uwo muhari, ngo Reta yari ikwiye kwumviriza, igashira hamwe abarundi ikagira ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta.
V. Mu kigabane ‘’Kw’isôko’’, tubabwira ibijanye n’akamaro k’umugwi wa ONU ugira amatohoza ku Burundi.