I. Ingwano zimaze iminsi hagati y’abasirikare n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho, mu bice vya komine Bukinanyana y’intara ya CIBITOKE, zatumye abanyagihugu batari bake bata izabo. Amakuru ava ngaho muri komine ya Bukinanyana, avuga ko n’ibikorwa vya misi yose abanyagihugu bakora, bicumbagira kubera ubwoba bw’umutekano muke. Buramatari w’intara ya CIBITOKE we akavuga ko ata ngwano, nyabuna ari imigwi y’abasuma.
II. Umuntu umwe yarafashwe n’abasirikare ku musi w’Imana uheze, ku mutumba Nyakirwa, muri komine Gisozi y’intara ya Mwaro. Mu muryango wiwe bafise amakenga ku mutekano w’uwabo, kuko kugeza ubu batazi aho yajanywe.
III. Ku munsi w’Imana, umuvyeyi wa Ninganza Pascal batazira Kaburimbo yagandaguwe mu kwezi kwa kane uno mwaka, warasatswe n’abapolisi. Amakuru radiyo Inzamba ikura aho i Matana, atumenyesha ko abo bapolisi basanze umuvyeyi w’uwo muhisi ari kw’isoko i Matana, baca barabomora umuryango w’inzu, babona kuyisaka ariko bakaba ataco bakuyeyo. Ababanyi b’uwo mukecuru babona ko ari itotezwa rikorerwa uwo muryango, bagasaba igipolisi guhagarika iyo ngendo, na rirya uwo mutamakazi agifise agahinda k’umuhungu wiwe yagandaguwe.
IV. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa bulaya ryagumijeho ibihano ryafatiye aba polisi babiri bakuru b’Uburundi b’ipete rya General. Ivyo bihano bakaba bari babifatiwe kuva mu mwaka wa 2015, kubera amabi bakoze yo guhohotera kiremwa muntu. Mw’ishirahamwe Ligue Iteka riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, barashima iyo ngingo.
V. Inama yari yatumiwemwo abakuru b’ibihugu 5 i Goma mu gihugu ca Congo, Evariste Ndayishimiye arongoye Uburundi ayigereranya n’uko atari inama y’urwego rwo hejuru, naho yari iyo kwigiramwo ibiraba umutekano w’akarere. Umukuru w’igihugu yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu, mu mpera z’indwi iheze. Iyo nsiguro iratangaza abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Kubwa Jérémie Minani, ngo Evariste Ndayishimiye yashimye kubanza kwitaba ubutumire bwa mugenziwe wa Tanzaniya, ari nawe yoba amuhanura ku kugene yokwigenza.
VI. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi, abanyeshure hamwe n’abigisha bo kw’ishure ryisumbuye ry’akarorero rya Makamba. Iyo myidogo ikaba ifatiye ku kugene umuyobozi w’iryo shure adasiba gufata ingingo, atagishije inama inzego zifata ingingo. Uwo muyobozi akagirizwa kuba yafashe ingingo yo kwugara igisata cigisha ivy’imibano (Sciences sociales), cari cashizweho n’ubushikiranganji bujejwe indero.
VII. Impunzi z’abarundi zahungiye muri Congo ziri mu kigo c’iyakiriro ca Monge Monge ni mu karere ka Fizi, zisaba ko abana babo boshirwa mu mashure kuko bagira bakwize imyaka ibiri batiga. Abavyeyi bakavuga ko bibagora mu kubakurikirana, bakaba bariko baranahakura ingeso mbi.
VIII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane iminsi 344 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ayabaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.