Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/10/2020

Publié le 3 octobre 2020 par Rédaction

I. Mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatandatu, isoko rikuru ryo muri zone Kamenge, muri Komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura ryahiye, riratokombera. Icateye uyo muriro n’ivyahononekariye ntibiramenyekana.

II. Uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino yaraye ijoro rya mbere mu gasho k’inyamiramabi BSR. Yahagaritswe kuri uyu wa gatanu ku rugo iwe, n’igipolisi ata mutahe bafise. Pacifique Nininahazwe, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, amenyesha ko baraye baguye mu gahundwe kuva aho bumviye ifatwa ryiwe. Agasaba ko nimba hari ico bamwagiriza bomurekura akaburana yidegemvya.

III. Abantu 97 barahagaritswe hadakurikijwe amategeko, 32 barishwe, 2 baranyurujwe, abagera kuri 9 na bo barasinzikarijwe ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukiristu ryishinze kurwanya ugusinzikariza ubuzima kiremwa muntu ACAT Burundi, co muri uku kwezi guheze kwa Nyakanga. Abagirizwa gukora ayo mabi ni bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure, abo mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, co kimwe n’abakozi b’iperereza. Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT Burundi.

IV. Ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko  AC GENOCIDE CIRIMOSO rirarajwe ishinga n’ibikorwa vy’umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi. Iryo shirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO riherutse kurungikira urwandiko inama ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho ryiyamiriza uguhengama no kudatunganiriza bose co kimwe, biranga umugwi CVR. Ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO rikabonako atagikozwe, ivyo bishobora gukwega akarambaraye hakaba ihonyabwoko mu Burundi. Iryo shirahamwe rigasaba ONU gushiraho sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’Uburundi n’umugwi mpuzamakungu wigenga, ufise ubushozi bwo gutohoza ku vyaha vy’agahomerabunwa vyakozwe muri kahise k’Uburundi. Lothaire NIYONKURU arongoye ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO.

V. Igihugu c’Uburundi gisaba igihugu kibanyi c’Urwanda kukirungikira abagwanyi 19 ba RED TABARA bafatiwe mw’ishamba rya Nyungwe, mu gihugu c’Urwanda. Mu rwandiko rwasohowe kuri uyu wa gatanu, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano n’iterambere, agashima ko hari uguhanahana amakuru hagati y’inzego z’umutekano z’ivyo bihugu. Igihugu c’Urwanda, mw’iketi ryasohotse kw’igenekerezo rya 30 z’ukw’icenda, kiremeza ko abo bagwanyi bafashwe, ariko ko igisata kijejwe gutohoza amakuru ku buryo bwisanzuye mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibiyaga binini CIRGL, kibanza gukora amatohoza.

VI. Mu kigabane « Kw’isôko » c’uno musi, urunani rw’ibimenyeshamakuru rushimikira ku bihano Ubumwe bwa Buraya bumaze imyaka bwarafatiye Reta y’Uburundi.

Ibindi bisa n'ibi