I. Umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wongewe ikiringo c’umwaka kugira ubandanye amatohoza ku mabi abera mu Burundi. Ku bihugu 47, 24 nivyo vyatoye ko uwo mugwi ubandanya, 17 vyahisemwo kutagira ico bivuze, nayo bitandatu bikabona ko uwo mugwi wa ONU utari ukwiye kwongerwa ikiringo.
II. Amafaranga ashika imiliyaridi zibiri z’amarundi niyo yatanzwe n’abategetsi hamwe n’abagwizatunga batandukanye, kuri uyu wa Mungu, igihe Evariste Ndayishimiye yashika kw’isoko ya kamenge yahiye. Mw’ishirahamwe OLUCOME bagwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta, baratangazwa n’ayo mafaranga yatanzwe n’abo bagize leta n’abagwizantunga, mu gihe hari amasoko atari make amaze gusha, ariko ntihagire ico bakora.
III. Ukudahanwa kw’imbonerakure Nihorimbere yo muri komine Burambi y’intara ya Rumonge, iherutse gutema umuntu, abandi ikabatera ubwoba, ngo vyerekana ko ubutungane bw’Uburundi butigenga ko nyabuna bufatiwe amaboko i mugongo n’ubutegetsi. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, aho avuga ko icaha cakozwe n’iyo mbonerakure ari icaha kibi cane, kandi gihanwa n’amategeko y’Uburundi.
IV. Umushingwamanza Gustave Niyonzima avuga ko ubutungane bw’Uburundi bwategerezwa guca bumufata. Avuga ko kubona atafashwe, ko abakorerwa ikibi batokwihebura, ko bitebe bitebuke intahe izobakubita mu gahanga.
V. Abagabo bane nibo baraye babuzwe irengero muri iri joro ryo ku wa mbere mw’ikambi y’i Nyarugusu, mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru dukura muri iyo kambi akavuga ko bagirizwa ubusuma bwo kwiba imiti, ivyo navyo bikaba vyamirirwa kure n’impunzi ziba muri iyo kambi.
VI. Icizere si kinini co gutora ari muzima Oscar Nahimana, umunywanyi wa CNL yahora ari icegera c’uwurongoye CECI muri komine ya Kirundo. Amakuru dukura aho ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo yemeza ko uwurongoye imbonerakure mu ntara ya Kirundo Abel Ahishakiye, ari kumwe n’abapolisi bamucungera ubuzima, be n’uwurongoye CEPI Kirundo, aribo boba baranyuruje uwo munywanyi wa CNL, bahava baramwica, baja kumuta aho bita i Gorogota mw’ishamba rya Murehe. Umwe mu bakurikiranye iryo nyuruzwa yaganiriye na Radio Inzamba, aratubwira uko vyagenze
VII. Umukuru w’ishirahamwe rijejwe gukinga ihonyabwoko yasubiye gukoresha amajambo yo guhakana ko hari abarundi banyuruzwa bakaburwa irengero ryabo. Jean de Dieu Mutabazi yemeje kuri radiyo BBC ku musi wa gatandatu, ko mu mpunzi ziheruka guhunguka ziva mu Rwanda, harimwo abari batangajwe ko banyurujwe. Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko iyo mvugo ari ugushinyaguriza no gukora mu gikomere ababuze ababo.