I. Abagabo babiri nibo bishwe mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uw’Imana, mu ma komine ya Muyinga na Mwakiro, ku mitumba ya Kinazi na Kagombe, mu ntara ya Muyinga. Abarongoye intwaro baremeza ayo makuru.
II. Hari umuntu w’umugabo yaraye yishwe ku mutumba Muyange, zone Rusabagi, muri komine Burambi, intara ya Rumonge. Amakuru ava mu banyagihugu bo muri ako gace, avuga ko Ezéchiel Nduwimana yaguye mu mutego w’abantu bitwaje ibigwanisho, mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira uwa mbere, baca baramuniga, aracikana. Abo bagabo bari bitwaje ibigwanisho bari basanzwe bambaye impuzu z’igipolisi. Bakaba baciye bahunga, nk’uko abanyagihugu b’aho bavyigana. Uwo yishwe n’abantu bataramenyekana, akaba yari imvukira yo muri iyo komine nyene, nk’uko abamumenye babivuga.
III. Aho mu rumonge nyene, imvura ivanzemwo umuyaga yaraye iguye kuri uyu w’Imana yahitanye abarovyi 2 bo ku Magara muri iyo ntara, baraburwa irengero, na yo ubwato 112 burononekera. Ayo makuru akaba yemezwa na Erasme Hakizimana, umuhanuzi ajejwe intwaro n’imibano, aho avuga ko iyo mvura kandi yahitanye inzu 33, muri komine Rumonge.
IV. Nta migambi n’imigabo yo guteza imbere igisata c’indero mu Burundi. Uko ni ko bisigurwa n’umuhari MAP Burundi Buhire, mu gihe hakiboneka amashure amwe amwe yo mu gihugu, abana baciga bicaye hasi. Ivyo biri uko ku mashure nshingiro ya Rugombo na Karurama 1 n’iya 2 mu ntara ya Cibitoke, no mu zindi ntara. Kubwa Professeur Libérat Ntibashirakandi, ngo ivyo vyerekana ko reta isa n’iyataye mu rudubi umugambi wo kwigisha abana.
V. Urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR-Arusha ruriyamiriza ukudashaka kwa reta y’Uburundi kugira ngo igisata c’indero kigeze aho umwansi ashaka gishobore kunagurwa. Urwo runani rukabona ko iyo reta yari ikwiye kurondera uburyo hasi hejuru, nk’uko ibikora mu bindi bisata mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata c’indero. Emmanuel Ndereyimana, n’umuvugizi w’urunani CFOR-Arusha.
VI. Ku wa 11 Gitugutu, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umwigeme. Kw’isi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekana ko umwigeme umwe kuri bane bari hagati y’imyaka 15 na 19, bataja kw‘ishure, mu gihe abahungu ari umwe kuri cumi.
VII. Uwo musi mpuzamakungu rero wahariwe Umwigeme wahimbajwe mu Burundi kuri uyu wa mbere, mu ntara ya Bubanza, muri komine ya Musigati. Umupfasoni Maria Louise Baricako arongoye umuhari w’abakenyezi n’abigeme INAMAHORO, avuga ko agateka k’umwana w’umwigeme mu Burundi katosekaye cane. Uyo mupfasoni akerekana ko abigeme mu Burundi bakorerwa amabi atandukanye, ariko abajejwe intwaro n’ubutungane ntibakurikirane abakoze ivyaha. Ku bwiwe, reta y’Uburundi ikwiye gushiraho vuba bwango amategeko akingira umwana w’umwigeme, kugira ivyaha bakorerwa bihashwe mu gihugu.
VIII. Abarimyi bo muri komine Butaganzwa mu ntara ya Kayanza, baridogera uwurongoye igisata c’uburimyi muri iyo komine. Bamwagiriza kunyuruza imbuto zirobanuye zari zemerewe abanyagihugu. Izo mbuto z’ibigori zibonetse, zaciye ziranguzwa ku badandaza b’aho i Butaganzwa, ari naho abanyagihugu bategekwa kuzigura ku giciro c’umurengera.
IX. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane iminsi 357 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu, mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.