Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/10/2020

Publié le 14 octobre 2020 par Rédaction

I. Abakongomani 4 bo mu bwoko bw’Abanyamulenge nibo bamaze ukwezi kurenga, bari mu minwe y’igipolisi. Abo banyamulenge bakaba bagirijwe guhungabanya umutekano w’igihugu, inyuma y’ukwinjira mu Burundi, bavuga ko baje gusaba ubuhungiro.

II. Akamo katewe n’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi ko gufata uwo wese avuga ururimi rw’ikinyarwanda, karateye impungenge ishirahamwe AC Génocide, ishami rya Canada. Emmanuel Nkurunziza ariserukira, avuga ko atari akamo katewe abarundi bose ubwabo, kuko ataco bapfa n’abanyarwanda ahubwo gasa n’akatewe umugwi w’imbonerakure usanzwe ukorana n’igipolisi. AC Génocide Canada ivuga ko ari akamo kanyegeje umugambi w’ihonyabwoko.

III. Uwitwa TONY GERMAIN NKINA yaraye ahagaritswe ahitwa Rwimbogo, muri komine Kabarore, intara ya Kayanza. Ababibonye bemeza k’uwo mushingwamanza yafashwe n’imbonerakure. Iryo fatwa bakavuga ko ryoba rifitaniye isano n’igitero cabaye kuri uwo mutumba, mu kwezi guheze. Urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, rusaba ko agateka k’uwo mushingwamanza kubahirizwa. Ernest NKURUNZIZA, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani FORSC.

IV. Hari umunyagihugu wo ku mutumba Kinyinya 1, Zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura, ariko araborezwa igufa mu gasho ko muri komine Kabezi, mur’iyo ntara nyene, aho batamwemerera kuja kwivuza, ntihagire n’uwuja kumuraba. Yakubiswe n’abapolisi bafashijwe n’imbonerakure, bamusaba amakuru ko yobereka sebuja wiwe ariko ahigwa n’igipolisi.

V. Urunani rw’abarundi bari muri Canada ruratera ivyatsi ihagarikwa n’ifungwa ry’uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino, aho amaze iminsi 7 afungiwe mw’ ibohero rikuru rya Mpimba. Kubwa Justine NKURUNZIZA asanzwe ari mu gisata co kumenyesha amakuru muri urwo runani, amenyeshako ifungwa ryiwe ridatangaje kuri leta ihari, kuko ari leta irwanya imvugakuri. Agasaba irekurwa ryiwe.

VI. Impunzi z’abarundi bahungiye muri site y’i Mulongwe muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo, babona ko umwanya n’umwanya amagara yabo ashobora kubangamirwa, bivuye ku kaburi bahambamwo abantu kari hafi cane y’iyo site. Ni mu gihe kandi ibiziga bitabwa hejuru kuko aho hantu ari ku rubuye badashobora kwimba.

VII. Imiryango irenga 20 y’impunzi z’Abarundi bahungiye mw’i kambi ya Mulongwe mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira demokarasi, irasaba itakamba ko yoronswa ibifungurwa kuko yasanze itari ku ntonde z’abaronka. Iyo miryango igasaba ishirahamwe AIDES rijejwe gutanga ibifungurwa muri site ya Mulongwe, kugira ibishoboka vyose kugira ngo bafungurirwe.

Ibindi bisa n'ibi