I. Abantu 2 bo mu gisagara ca 3 ca komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza, baraye bafashwe n’igipolisi mw’ijoro ryakeye, baca bajanwa mu gasho k’igipolisi i Gihanga. Uwimana Denis na Nkurunziza Jean Claude bagirizwa kuba barakubise umukenyezi yibungenze, wo muri ico gisagara mu ndwi iheze, baramusinzikaza cane gushika aho imbanyi yarafise ivayo, nkuko mu muryango w’uwo mukenyezi babimenyesha. Muri parike i Bubanza bamenyesha ko bari mu matohoza.
II. Umugabo yitwa Zack Nzeyimana w’imyaka hafi 26, yahora akora akazi k’izamu kw’ibutike iri ku musozi Mihigo, mu gisagara ca Kayanza, yaraye yishwe mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa kane. Akaba yacumiswe imbugita mu mutwe n’akagwi k’abantu kataramenyekana. Umwe mu bikekwa gukora ubwo bwicanyi, akaba ari mu minwe y’igipolisi.
III. Hari abantu indwi boba ari abanywanyi ba CNL bafatiwe ku wa kane w’indwi iheze ku murwa mukuru w’intara ya Mwaro. Bose bava muri komine Kiganda, kandi bakaba bafashwe n’abakozi b’iperereza. Ivyo n’ibishikirizwa na Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, ifise umugambi Ndondeza. Amenyesha ko abantu bafatwa bakabazwa, ata caha kirimwo, ariko ko igipolisi kinyegeza abafashwe imiryango yabo bidakorwa, agasaba igipolisi gukorera mu muco.
IV. Ihohoterwa rikorerwa abanyororo bapfungiwe mu mabohero atandukanye y’igihugu rirabandanya ryibonekeza. Biri mu cegeranyo ca ACAT Burundi gisohoka buri kwezi, aho mu kwezi kw’icenda guheze hibonekeje abakorewe amabi. Ico cegeranyo kiravuga kandi ko bamwe bamwe babuzwa kuja kwivuza, abandi bagashirwa ukwa bonyene, ntibarekurirwe kwugama imvura canke izuba.
V. Abasirikare b’Uburundi bari gucungera amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya, bafise amakenga n’ubwoba ko ku mafaranga baheraniwe arenga amezi icenda bamaze badahembwa, bazohava batayaronswa. Imvo ngo ni uko benshi muri bo bagenda bafashe ingurane mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana rya gisirikare Cecad, amafranga uko ateba akaba ariko iryo shirahamwe riguma rishirako inyungu, kuko bataba bariko barishura ivyo bita pénalité de retard. Basaba iryo shirahamwe kutabakata ubwo burusho, kuko uguteba guhembwa amafranga yabo biva kuri reta, bitabavako.
VI. Uyu musi ugize uwa munani uwahoze ari umushingamateka Fabien BANCIRYANINO apfungiwe mu mpimba. Yagirizwa kugumuka, guhungabanya Umutekano w ‘igihugu, n’ugutyoza inzego. Fabien BANCIRYANINO akaba imbere y’uko ajanwa mu Mpimba, yari amaze imisi itandatu, mu gipolisi kijejwe amatohoza BSR. Kugeza uyu munsi akaba atarashirwa imbere y’intahe ngo aburane kuvyo yagirizwa. Abaharanira agateka ka zina muntu n’abahoze ari abashingamateka, babona ko ari ibara ku mutemere, mu gihe uwo yagirizwa ivyo, azwi nk‘umuntu yaharaniye agateka k’abanyagihugu mu mabanga yari ajejwe.