I. Hari ikiziga c’umugabo catowe ku mugoroba w’ejo itariki 15 gitugutu, mu ruzi Rusizi muri secteur Mparambo ya kabiri, muri komine Rugombo, ni muntara ya Cibitoke. Ico kiziga kikaba cari gifise ibirabagu ku mubiri, vyerekana ko yabanje kuzirikwa. Ikindi ngo n’uko yarafise n’uruguma mu gikiriza biboneka ko yacumiswe imbugita. Abo mw’ishirahamwe Croix Rouge barikumwe n’igipolisi kijejwe gukinga impanuka, ni bo bagikuye muri urwo ruzi, ubu kikakaba kiri mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vyo mu Cibitoke. Bakaba barindiriye kuraba ko hari uwomenya uyo yagandaguwe.
II. Isi yose yaramutse ihimbaza kuri uyu wa gatanu umusi wahariwe gufungura neza. Uwo musi ushitse mu Burundi mu gihe ibice 28% vy’abanyagihugu bavyuka ataco bafise bashira ku munwa, nayo igice 1% c’abarundi bagwaye indwara z’ugufungura nabi, nk’uko biri mu cigwa giheruka gukorwa na OCHA, ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe kugarukira kubahuye n’ivyago. Imvura nyinshi, n’imyuzurira y’amazi vyagiye bisenyura amazu n’imirima, ikiza Covid 19, biri mu mpamvu nyamukuru y’ukwo gufungura nabi mu gihugu cose.
III. Uyu musi ugize uwa cenda, uwahoze ari umushingamateka Fabien BANCIRYANINO apfungiwe mu Mpimba. Yagirizwa kugumuka, guhungabanya umutekano w‘igihugu, n’ugutyoza inzego. Fabien BANCIRYANINO akaba imbere y’uko ajanwa mu Mpimba yaramaze imisi itandatu mu gipolisi kijejwe amatohoza BSR. Kugeza uyu munsi akaba atarashirwa imbere y’intahe, ngo aburane ku vyo yagirizwa.
IV. Abarundi baba mu gihugu ca Suède bariyamiriza ipfungwa ry’uwahoze ari umushingamateka Fabien BANCIRYANINO, bagatera akamo abarundi bose aho bari, guhaguruka barwanire Ubuntu buranga inyangamugayo. Fabiola INARUKUNDO arongoye ishirahamwe ry’abarundi baba mu gihugu ca Suède.
V. Ishirahamwe Regideso ngo rihombeshwa na bamwe mu bategetsi baryo biciye mu masoko baha abigenga, kandi Regideso yoshobora kuvyikorera. Bivugwa na bamwe mu bakozi b’iryo shirahamwe.
VI. Urupapuro rwerekana ko umuntu yanduye canke atanduye umugera wa corona rugiye kuza ruratangwa biciye ku buhinga ngurukana bumenyi. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Thaddée Ndikumana, mu nama yagiranye kuri uyu wa gatatu, n’abaserukira ama hoteli mu Burundi. Uyo mushikiranganji asigura ko umuntu wese avuye mu mahanga azoza arashikira mw’ihoteli yose yipfuza, ikwije ibisabwa mu kwakira abantu, mu kiringo c’amasaha 72,
VII. Ama shillings y’amaganda arenga miliyoni 60 ni yo aheraniwe impunzi zo mw’ikambi y’impunzi y’i Nakivale mu gihugu ca Ouganda. Izo mpunzi, zagiriza ikigega SACCO cababikiye ayo mashillings, kuba cayakoresheje ivyo batumvikanye.
VIII. Umugwi CVR ugize iminsi werekanye ibisigarira vy’abantu bishwe mu 1972 muri komine Rumonge na Nyanza lac yo mu ntara ya Makamba. Kuri uyu wa gatanu, umukuru w’inama nshingamateka be n’uw’inama nkenguzamateka bakaba bari bitabiriye ico gikorwa co gushira ahabona abo bantu. Gélase Ndabirabe akaba yadomye urutoke ku mugwi ujejwe agateka ka zina muntu ONU ko ataco uriko urakora, kugira ngo hakorwe amatohoza ku bwicanyi bwabaye mu 1972.