Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/10/2020

Publié le 19 octobre 2020 par Rédaction

I. Ama nama ahamagarira urwaruka rw’imbonerakure kugandagura abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, aguma akorwa mu ntara zitandukanye. Kuri uyu wa gatandatu, uwurongoye urwo rwaruka mu ntara ya Kirundo mu nama yagirishije imbonerakure zo mu gisagara ca Kirundo, yazisavye kwica abo bose batavuga rumwe na CNDD-FDD. Umwe muri izo mbonerakure yahinduwe ijwi ku mvo z’umutekano wiwe, arabitwiganira.

II. Ingorane ni nyishi mu gasho k’igipolisi ca Rumonge. Ubwinshi bw’abapfungwa, ubukene bw’amazi meza muri ako gasho, bituma hashobora kwaduka indwara zitandukanye muri ako gasho. Imiryango y’abapfungwa ikaba isaba ko ababo boburanishwa bagatezurirwa.

III. Umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJEB uratera akamo inzego z’ubutungane, mu kwereka akarorero keza urwaruka rw’ubu, bakarekura abantu bapfungirwa ubusa. Umuhari MIJEB ufatira kw’ifatwa n’ipfungwa ry’uwahoze ari umushingamateka Fabien BANCIRYANINO. Etienne BUTOYI, icegera c’uwurongoye umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJEB.

IV. Fabien BANCIRYANINO apfungiwe mu Mpimba haraheze iminsi 12. Yagirizwa kugumuka, guhungabanya umutekano w’igihugu, n’ugutyoza inzego. Imbere y’uko ajanwa mu Mpimba, yari amaze imisi itandatu mu gipolisi kijejwe amatohoza BSR. Kugeza uyu munsi akaba atarashirwa imbere y’intahe, ngo aburane ku vyo yagirizwa.

V. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane iminsi 364 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.

VI. Abahejeje kaminuza mu ndinganizo nshasha y’inyigisho bita BMD mu mpfunyapfunyo y’igifaransa, basaba ko impapuro zabo z’umutsindo zohabwa ukunganishwa n’impapuro z’umutsindo za kera bita Licence. Bisabwa na Arsène Arakaza, umwe mu bahoze baserukira abanyeshure muri kaminuza.

VII. Kubwa Karori NDITIJE yahoze ari umwigisha muri kaminuza y’Uburundi, akaba yari mu bari bajejwe guhinyanyura ivyigwa bitunganywa muri kaminuza, ngo abigisha ba kaminuza bakwiye guhagurukira rimwe bagasigurira abategetsi muri CNDD-FDD, ko abahejeje kaminuza ubu bize imyaka itatu arico kimwe n’abize kera imyaka ine ya kaminuza, kuko ngo bose baronka urupapuro rw’umutsindo rumwe kw’isi yose.

Ibindi bisa n'ibi