Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/10/2020

Publié le 24 octobre 2020 par Rédaction

I. Umugambwe Uprona utavuga rumwe n’ubutegetsi uratera ivyatsi urubanza rwaciriwe abagirizwa kugandagura uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, hari kuri uyu wa 21 Gitugutu. Ivyo biri mw’itangazo uwo mugambwe washize ahabona kuri uyu wa gatandatu. Kubwa Charles Nditije, arongoye uwo mugambwe, amenyeshako  urwo rubanza rutisunze amategeko.

II. Haribonekeza ubukene bw’ifarine mu gisagara ca Rumonge. Abayicuruza bavugako batayironka ku bayiranguza. Bakaba bavuga ko bibagora kubeshaho imiryango yabo muri kino gihe. Imvo y’ubwo bukene bw’ifarine, n’uko ishirahamwe ryo muri Tanzaniya rya Azam ritakiyizana, na bamwe mu bikorera utwabo bahora bishikirayo, ubu ntibakijayo kubera imipaka yugaye bivuye ku kiza ca Covid19

III. Abaguzi bo ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, barashimishwa n’ingingo ya Musitanteri wa Komine Muyinga  yafashe kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu uno mwaka, yo guhagarika umudandaza  yitwa Gédéon Museveni, kudandariza isima ya BUCECO kw’isoko nkuru ya  Muyinga, nkuko bamwe mu bavuganye  na Radio Inzamba  babimenyesheje.  Mw’ikete  Amédée Misago arongoye komine Muyinga yandikiye Gédéon Museveni, amumenyesha ko atigeze aha agaciro impanuro yamuhaye zo kugurisha isima ihingurwa n’ishiramwe BUCECO ku giciro kizwi n’amategeko c’amafaranga  24.500, ariko ntabikurikize, ngo agahitamwo kuyinyegeza mu bubiko  bwiwe, mu nyuma agaca ayipakira amamodokari akayijana kuyidandariza ahandi ku giciro c’umurengera. Aho hose Museveni ngo yaguma yerekana ko afise gusa isima yo mu bwoko bwa SIMBA, ihingurirwa mu gihugu ca Tanzaniya. Abaguzi bagasaba ko n’abandi badandaza badakurikiza ibiciro vya Leta boza barafatirwa ingingo zibatuma bikebuka, bagakurikiza amategeko.

IV. Bamwe mu rwaruka rw’abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda rwahejeje amashure ya kaminuza, ntirurindira kuronswa akazi  ruhitamwo kugira imigambi mito mito irubeshaho. Umutahe muto akaba ariyo ntambamyi nyamukuru rufise. Radiyo inzamba yaragendeye bamwe muri urwo rwaruka mu buseruko bw’Urwanda.

V. Kuri uno musi, ikigabane Kw’Isôko kigaruka kw’ikoreshwa ry’utumwanya ritemewe rikibandanya mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi