I. Inani z’amasendika y’abakozi COSYBU, SSB n’urunani COSSESSONA basaba leta y’Uburundi guhagarika rusansuma rw’abakozi ruriko ruraba. Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, izo nani zipfuza kubanza kuganira n’abegwa n’ico kibazo bose, kugira haboneke umuco ku bibazo bihonyanga amategeko y’Uburundi na mpuzamakungu agenga akazi.
II. Mu runani CFOR-Arusha bamenyesha ko bafise amakenga menshi cane na cane cane ku kibazo kijanye n’ubwoko muri rusansuma iriko irakorwa mu Burundi. Emmanuel Ndereyimana, umunyamabanga mukuru w’urwo runani, akaba ari n’umuvugizi, asaba reta guhagarika iryo vangura risa n’iryinyegeje inyuma muri iyo rusansuma.
III. Mu kiganiro umushikiranganji w’akazi ka Leta n’abakozi ahejeje kuremesha, yamenyesheje ko urwo rusansuma rugiye kubandanya gushika ruheze, mu gihe mu nteguro vyari bitegekanijwe ko ruhera kuri uyu wa kabiri. Domine Banyankimbona.
IV. Abakuru b’ibihugu b’umuryango w’ibihugu vya Africa y’ibiyaga binini CIRGL, basabwa bashimitse kwitwararika bikwiye ingorane Uburundi burimwo kuva mu mwaka wa 2015, kugira amahoro agaruke. Ivyo biri mw’ikete amashirahamwe ashika 15 yigenga yo mu Burundi aherutse kwandikira abo bakuru b’ibihugu, harimwo n’uwurongoye umuryango w’ibihugu vya Africa, n’umunyabamaganga mukuru wa ONU. Ayo mashirahamwe arerekana ko mu Burundi agateka ka zina muntu kabandanya gusinzikara, aho abantu babandanya gutorwa ibiziga. Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, rimwe muri ayo mashirahamwe yanditse ikete, avuga ko ibiganiro bihurikiyemwo bose kandi vuba bwango, ari vyo bishobora gutuma amahoro agaruka mu gihugu.
V. Ipfungwa ry’umushingamateka Fabien Banciryanino riteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Ivyo bishikirizwa n’umunyepolitike Tatien Sibomana, yanonosoye ivy’amategeko, aho avuga ko ingingo ya 155 y’ibwirizwa nshingiro, mu gace ka mbere, yahonyanzwe, ngo kuko umushingamateka canke umukenguzamateka ntashobora gukurikiranwa kubera ivyo yavuze ari mu mabanga yiwe. Tatien Sibomana asaba nyabuna ko Fabien Banciryanino yorekurwa akidegemvya.
VI. Fabiano Banciryanino akaba amaze imisi 19 apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba, akaba yagirizwa n’ubucamanza bw’Uburundi guhungabanya umutekano no gutyoza inzego, mu gihe amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu basaba ko arekurwa, kuko amajambo bafatirako yayashikirije ari umushingamateka, kandi ivyo navyo bikaba birekurwa n’amategeko.
VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije imisi 370 bafunzwe i Bubanza. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana bafashwe bariko baragenda mu ntara ya Bubanza, kurangura akazi kabo, igihe hari umugwi witwaje ibirwanisho wari wateye i Musigati. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu bakaba badahengeshanya gusaba ko barekurwa, kuko ata caha na kimwe bakoze, Atari uko bariko barazira umwuga wabo.
VIII. Bamwe mu mpunzi zahungiye mu bihugu bitandukanye bariyungunganya bagaheza bagatanga n’akazi mu bihugu bahungiyemwo. Claude NIYUNGEKO, yahora ari umukozi wa leta, amaze guhunga igihugu yaciye atangura kwiyungunganya mu burimyi n’ubworozi mu buseruko bw’Urwanda.