Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/10/2020

Publié le 28 octobre 2020 par Rédaction

I. Abantu 8 bari bapfungiwe muri brigade Gatumba boba baraye bagandaguwe n’umukuru w’ikirindiro c’igipolisi aho mu gatumba. Pacifique Nininahazwe mu mugambi Ndondeza, avuga ko 4 muri abo bantu bishwe, barashwe mu mutwe. Igipolisi co cemeza ko barashwe n’umwe mu bapolisi baco bariko baragerageza gutoroka. Pacifique Nininahazwe akabandanya amenyeshako abo bantu batangajwe n’ingene imbonerakure zo ngaho mu Gatumba zaciye zirungikwa kwihutira guhamba abo barashwe. Agasaba umugwi w’igihugu uraba agateka ka zina muntu n’izindi nzego, gukora amatohoza kugira ngo abishe abo bantu bamenyekane.

II. Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi barafise ubwoba ko ivyigwa bishobora guhagarara umwanya n’umwanya, mu gihe Leta itotunganiriza abigisha mu bijanye n’amafaranga yo kubeshaho abakukuruka, bakora muri iyo kaminuza. Abakozi ba kaminuza bakaba baherutse kwandika bagabisha ko mu gihe batokumvirwa ku vyo basaba bijanye no kubasubiza ivyo bahabwa n’amategeko, bazohagarika akazi. Kuri ivyo, uwahoze ari umwigisha muri kaminuza, akaba yaranarongoye sendika y’abakozi ba kaminuza, asaba leta kubatunganiriza kuko bishobora gutuma isambuka rwose.

III. Urusansuma ruriko rurakorwa rw’abakozi ba leta rushobora kuba runyegeje vyinshi. Rukaba ruriko rurakorwa mu gihe bamwe mu bategetsi b’Uburundi bashigikiye amajambo y’urwanko ariko arabibwa, yo kuraba ribi igice kimwe c’abarundi. Uko niko Vital Nshimirimana abivuga, kw’izina ry’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Vital Nshimirimana akaba abona ko mu gihe ruriko rurakorwa batavyumvikanyeko, vyari bikwiye guca bihagarara vuba bwango.

IV. Urusansuma ruriko rukorerwa abakozi ba leta ngo ruteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha. Ku bwiwe ngo n’abariko bakorwako urwo rusansuma, ntibigeze basigurirwa ico rutegekanya gushikako. Frédéric Bamvuginyumvira avuga kandi ko uko bigenda kose, intumbero y’urwo rusansuma atari nziza, kandi ko ivyo rwoba rutegura vyose bizoruhira kumenyekana.

V. Bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu kuri uyu wa 28 Gitugutu, barakwije imisi 373 batawe mu mvuto. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana, bagirizwa gushaka kwifatanya n’abarwanyi bitagishoboka. Abo bagenzi bacu bakaba bafatiwe mu ntara ya Bubanza i Musigati aho bari bagiye mu kazi ka misi yose, gutohoza amakuru y’imishamirano yariko irahabera, hagati y’abasirikare n’imigwi ivuga ko irwanya leta.

Ibindi bisa n'ibi