Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/10/2020

Publié le 30 octobre 2020 par Rédaction

I. Sentare nkuru ya NTAHANGWA mu gisagara ca Bujumbura yaraye ifashe ingingo yo kugumiza mu munyororo uwahoze ari umushingamateka Fabien BANCIRYANINO. Umushingwamanza Gustave NIYONZIMA asigura ko iyo ngingo ifashwe harahonyanzwe amategeko, mu gihe yari kuburanishwa inyuma y’imisi 15 kuva ahagaritswe. Gustave NIYONZIMA akamenyesha ko abamuburanira bafise uburenganzira bwo kunguruza ingingo ya sentare bamaze kuyimenyeshwa.

II. Iminsi 375 irarumanye abamenyeshamakuru 4 Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimanana; b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Bafashwe kuwa 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza, aho bari bagiye kurondera amakuru y’ibitero vyari vyabereye i Musigati muri iyo ntara nyene. Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu co kimwe n’ibimenyeshamakuru ntibisiba gusaba irekurwa ryabo, kuko ata kindi bazira atari gukora umwuga wabo

III. Uwahoze aserukira umugambwe FNL i Karusi arafunzwe kuva ku wa kabiri uheze. Abandi bahora baserukira uwo mugambwe mu ntara za Bujumbura na Kirundo, nabo nyene bari mu mvuto, nkuko amakuru ava muri uwo mugambwe avyemeza. Bari baherutse kwirukanwa muri uwo mugambwe, inyuma yaho bagiye mu ndongozi ziserukira  FNL mu ntara icenda, bakandikira ikete italiki 16 z’uku kwezi, uwuserukira uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, bamusaba gutunganya ikoraniro ridasanzwe rya FNL. Ishirahamwe ACAT Burundi rikaba ribona ko agateka kabo ko gusohora ivyiyumviro kariko karahonyangwa. Jean CLAUDE NTIBURUMUSI ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi.

IV. Ijambo ryaraye rishikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, ko bagiye gukurikiza imanza zaciwe, zikaba ntabanduka bongere bakurikirane abantu batuma reta ihomba, ko bagiye gukurikiranwa ku gatwe kabo. Iyo mvugo y’umushikiranganji wa mbere ngo ni imvugo ya politike, nk’uko bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Avuga ko naho hogira abakurikiranwa ko hazokurikiranwa abakozi bato bato, kuko abafise inguvu ubutungane bubakorako bugasha.

V. Leta isabwa kubahiriza ingingo ya 87 y’ishirahamwe OIT rikingira ibisabwa n’ama sendika, mu masezerano mpuzamakungu agenga akazi kw’isi. Bisigurwa na Professeur Paul Nkunzimana, yahoze atwara umugambwe PTD w’abakozi mu Burundi, avuga ko umukozi wa Leta ahemberwa akazi akora, atari ubwoko bwiwe canke ico ari. Professeur Paul Nkunzimana asaba ko leta yokwicarana n’abanyamasendika, kugira bumve kumwe ikibazo ca rusansuma giteye impungenge abakozi ba leta. Aha twokwibutsa ko ubushikiranganji bw’akazi n’abakozi ba leta bugabisha abakozi bose batariyandikisha muri rusansuma ruriko ruraba, ko uwutazobikora azohagarikirwa umushahara.

VI. Kuri uno wa gatanu niho hahimbazwa ku Mubuga, mu ntara ya Ngozi, umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya indwara zo mu mutwe mu Burundi. Uyo musi usanzwe uhimbazwa itariki 10 za kuno kwezi uko umwaka utashe. Kubwa Furera Herménégilde Nduwimana arongoye ikigo CNPK avuga ko kuva kigitangura mu mwaka 2014, kimaze kwakira abagwayi bagera 3740, ubu kigashobora kwakira abagwayi bivuza barara 300. 

VII. Abanyagihugu bo ku mutumba Rubindi, muri komine Nyanzalac, mu ntara ya Makamba, ntibashimishwa no kubona batagira isoko bashoreramwo ibidandazwa.  Ivyo babivuga kubera iyo bari bubakiwe, yatwawe n’amazi y’ikiyaga Tanganyika ubu yaduze. Basaba ubutegetsi kububakira iyindi soko, kuko bahahombera.

Ibindi bisa n'ibi