I. Ibisasu ntezwantoke vyitwa grenades nivyo ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere vyatowe imbere y’ibiro vya Buramatari w’intara ya Kayanza. Izo grenades zari mw’isorori itekeye mw’isashe biteretse ku ntebe abanyagihugu barindirirako kwakirwa na Buramatari w’intara ya Kayanza. Buramatari w’intara ya Kayanza Colonel Rémy Cishahayo akavuga ko uwazizanye, ari uwashatse kuzikura kuko ngo zitari zuguruye. Akaba asaba Abanyagihugu boba bagitunze ibigwanisho batafitiye uburenganzira, kuvyereka inzego zijejwe umutekano kugira bacirirwe inkoni ngufi.
II. Igipolisi kimaze imisi gifata abantu muri zone Maramvya ya komine Burambi, ni mu ntara ya Rumonge. Babiri bamaze gufatwa ntibabwiwe igituma bafashwe, canke ngo babwirwe icaha bakoze. Ifatwa ry’abo bantu rikaba riteye amakenga abanyagihugu bo mu Maramvya, basaba ko umutekano w’ababo wokingirwa, kuko bivugwa ko abafashwe bajanwa mu gasho k’iperereza i Bujumbura.
III. Bamwe mu banyagihugu bo ku mutumba Nyamugari, komine Buhiga, intara ya Karusi, baradoma urutoke imbonerakure ziserukira izindi mu ntara, kuba zibarandurira imirima mu matongo yabo, bitwaye muri parike ntibatunganirizwe. Izo mbonerakure ngo zibikora inyuma yaho umushikiranganji w’uburimwyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema yagiye muri iyo ntara amenyeshako abafise amatongo, n’ama parcelles manini manini bahawe na komine, bohagarika kurima.
IV. Haravugwa ubusuma bwo mu mazu y’idandarizo ry’amaterefone ngendanwa be n’ahandikirwa amakete hakadandarizwa n’ibikoresho vyo mu biro, ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Abiba bakaba babanza gutobora ayo mazu, canke bakabanza gukurako amabati.
V. Imyidogo ni myishi mu banyagihugu bo mu ntara ya Muyinga, aho basabwa intererano yo kwubaka ibiro bishasha vya komine. Imigwi itandukanye ikorera mu ntara ya Muyinga isabwa intererano yo kwubaka ibiro vy’intara, ntiyakiriwe kumwe, nkuko bamwe bavyiganiye radio Inzamba. Abo banyagihugu bavuga ko bugarijwe n’ubukene, ko ivyo basabwa ari amananiza.
VI. Ishirahamwe rukritsu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-BURUNDI rirahagaritswe umutima n’ikena ry’ibifungurwa mu mabohero atandukanye mu gihugu, haraheze hafi ukwezi. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’amategeko muri ACAT-BURUNDI, ubwo bukene bwibonekeza mu gihe ayo mabohero arangwamwo ubwinshi bw’abanyororo. Agasaba leta kudafata minenerwe ico kibazo, kuko abafungwa atahandi bakura.
VII. Impunzi z’abarundi bahungiye mu karere ka Bugesera mu buseruko bw’igihugu c’Urwanda, barasaba HCR ko bopfunyirizwa urugengo rwo kuja i Kigali, mu gihe baba bariko bararondera ivyo basabwa. Bakamenyesha ko aho nyene muri ako karere ka Bugesera, gasanzwe karimwo ibiro vya HCR biraba impunzi, zaba nya Libiya ziri mw’ikambi y’agateganyo ya Gashora. Kubw’abo, ivyo rero basabwa babisanze kuri ivyo biro, boheza bakabironka bitagoranye na rirya bafise amikoro make.
VIII. Imyidogo ni yose mu banyeshure b’impunzi z’abarundi bo mw’ikambi ya Mulongwe muri Republika iharanira demokarasi ya Congo. Abo banyeshure nta bikoresho vy’ishure bafise, biturutse y’uko ishirahamwe Action-Aid ryahora ribibaronsa, ata vyo ryatanze muri uyu mwaka w’ishure. Basaba abagira neza kubafasha.