I. Umubabaro ni wose mu basirikare bo mw’ikambi ya 322 y’i Ngozi, inyuma y’aho hari mugenzi wabo yapfuye mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu. Amakuru radio Inzamba ikura mw’ikambi yakoreramwo, avuga ko yoba yirashe kubera afise indwara yo mu mutwe, ariko ayandi makuru nayo yo kwizera, akavuga ko yoba yishwe arashwe.
II. Abantu bagera kuri 42 nibo bashoboye kumenyekana ko bapfuye mu gihe c’imisi 30 gusa. Muri bo, 24 barishwe batabwa mu kiyaya ca Rusizi mu ntara za Bujumbura, Cibitoke na Bubanza. Abo batorwa ntivyoroha kubamenya, abategetsi nabo bafashanije n’abajejwe umutekano, bakaba bihutira gutanga amategeko yo kubahamba. Abanyagihugu baba muri ivyo bice, bagasaba ko n’imiburiburi hobanza gukorwa amatohoza kugira abo bantu bamenyekane iyo baturuka.
III. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umwe mubaharanira agateka ka zina muntu, ng’ubwo bwicanyi bukorwa n’inzego za leta butandukanye n’ivyo ubutegetsi bwirirwa buravuga, ko mu gihugu hari amahoro. Agasaba ihagarikwa ry’ubwo bukozi bw’ikibi.
IV. N’urunani CFOR-ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta rurababazwa n’uko leta ata gushaka kuboneka ishiramwo, kugira ngo ituze ibijanye n’ubwicanyi buguma bwimonogoza. Urwo runani CFOR-ARUSHA ruhamagarira abanyagihugu kuhagabira, bakicungerera umutekano. Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani CFOR-ARUSHA.
V. Umunywanyi w’umugambwe CNL muri komine Mbuye, y’intara ya Muramvya, amaze imisi irenga 40 apfungiwe mu gasho k’igipolisi i Muramvya. Abamwegereye basaba ko yorekurwa kuko apfunzwe hadakurikijwe amategeko. Ikindi bavuga n’uko kuva afashwe, atarigera ashikanwa imbere y’abacamanza.
VI. Abamenyashamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana, barakwije imisi 380 bafungiwe mu ntara ya Bubanza. Bafashwe kuwa 22 Gitugutu, umwaka wa 2019 i Bubanza, aho bari bagiye kurondera amakuru y’ibitero vyari vyabereye i Musigati muri iyo ntara nyene. Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu co kimwe n’ay’abamenyeshamakuru ntibisiba gusaba irekurwa ryabo, kuko ata kindi bazira atari gukora umwuga wabo.
VII. Mu nama yagirishije abarongozi mu ntwaro kuri uno wa gatatu, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yatanze itegeko ko ata muntu azosubira gupangisha canke kugurisha inzu mu mafaranga y’agaciro bita ama devises. Komiseri Jimmy HATUNGIMANA arongoye igisagara ca Bujumbura avuga yuko ivyo biri mu ntumbero yo kurwanya akajagari kibonekeza mu gukoresha amafranga y’agaciro, mu gisagara ca Bujumbura, ico yise “usage excessif des devises” mu gifaransa. Akaba yasavye abarongoye ama karitiye guhaguruka, kuko vyose biba babona mu karitiye barongoye.