Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/11/2020

Publié le 5 novembre 2020 par Rédaction
I. Ishirahamwe ACAT-BURUNDI rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, rirarajwe ishinga n’ubwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi busa n’ubwimonogoje muri ino misi. Mu kwezi kw’icumi guheze kwonyene, iryo shirahamwe ryasanze abantu 28 barishwe, 29 barahagarikwa bidaciye mu mategeko, hamwe rero n’ubundi bubisha butandukanye. Ishirahamwe ACAT-BURUNDI rikababazwa n’uko abakoze ivyo vyaha badakomakomwa.
II. Abanyagihugu baba mu kigwati c’amahoro muri komine Mutaho, intara ya Gitega, bariyamiriza ingingo ya musitanteri, Melchiade Nihorimbere, yo kubatangisha amafaranga yo guhemba abacungera umutekano w’ico kigwati. Ayo mafaranga ashika ku bihumbi 15. Ababa muri ico kigwati bafata iyo ntererano ko ari ubusuma musitanteri yateguye, kugira aronke amafaranga yo guhemba urwaruka rw’imbonerakure. Bagasaba ko abatowe muri iyo ntara ya Gitega, bobafasha kubavugira kugira iyo ngingo y’akarenganyo ihagarare.
III. Musitanteri wa Komine ya Mutaho we arahakana ko ata ngingo yo gutoza amafaranga yigeze afata kubijanye n’umutekano. Melchiade Nihorimbere avuga ko ata mvo yotuma iyo ngingo ifatwa, kuko komine arongoye irangwamwo abajejwe umutekano bakwiye.
IV. Gutunga ikarata y’akazi ku bamenyeshamakuru n’itegeko ritegerezwa kwubahirizwa n’abamenyeshamakuru bose, ata n’umwe avuyemwo. Vyamenyeshejwe na Nestor Bankumukunzi arongoye CNC, aho amenyesha ko abamenyeshamakuru batagira iyo karata bagiye gufatwa nk’uko batabaho muri uwo mwuga, kuko ngo bahawe ikiringo gihagije co kuzirondera. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane.
V. Abamenyeshamakuru bakorera akazi kabo mu Burundi, bamenyesheje Radio Inzamba ko iyo karata ata gaciro kanini bayibonamwo, kuko n’uwuyifise bitabuza ko aburabuzwa mu kazi kiwe.  Bati yaba ifise ico imaze ntibaba basabwa kwimenyekanisha iyo bagiye mu kazi kabo ku bajejwe intwaro, kandi iyo karata itangwa n’urwego rwa Leta.
VI. Mu ntara ya Makamba, abantu 15 harimwo abagore 5 baratawe muri yompi n’igipolisi, bagirizwa gukora inzoga itemewe n’amategeko Rutuku, ariyo benshi bita kanyanga. Amahinguriro 7 y’iyo nzoga ya kanyanga arasamburwa, ama litiro hafi 5000 y’iyo nzoga yarafashwe  n’igipolisi mu kiringo kitarenza indwi zibiri.
VII. Uko umwaka utashe igenekerezo rya 5 Munyonyo, ni umunsi mpuzamakungu wagenewe kurwanya ihohoterwa ry’abanyeshure n’ububisha bukorerwa mu mashure. Kubwa Eulalie NIBIZI, umwe mu bahoze ari abarezi, iryo hohoterwa rikorwa aha nini n’abarezi. Ivyo bigatuma bamwe muri abo bana bahohotewe, baheba amashure agasaba leta gufata ingingo ruhasha, zihana abakora ico caha.
VIII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane, iminsi 381  bafunzwe.  Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe, kuri umwe wese,  na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.

Ibindi bisa n'ibi