Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/11/2020

Publié le 7 novembre 2020 par Rédaction
I. Jean Pierre Bukuru, umusore yakorera ku gituro ca COTEBU nk’umukokayi, yahagaritswe n’abakozi bo mu biro bikuru vy’iperereza, mw’ijoro ryo ku wa 24 Gitugutu 2020, mu Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura. Inyuma y’imisi 10 abiwe baramubuze irengero, bararonse ifoto y’ikiziga ciwe, yaranizwe, amaboko aboheye i mugongo. Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi Ndondeza, arerekana uruhara rw’intwazangabo mu gipolisi Joseph Mathias Niyonzima, batazira Kazungu, muri iryo gandagurwa rya Jean Pierre Bukuru.
II. Abantu batatu, harimwo n’umwana, ni bo bitavye Imana, abandi bane barakomereka, biturutse kw’isanganya ry’imodoka ryabaye kuri uyu wa gatanu, ku mutumba Masango, muri Komine n’Intara ya Muramvya.
III. Ingingo ya musitanteri wa komine Ruhororo, itegeka abakenyezi kuba bashitse mu ngo zabo, imbere y’isaha zibiri z’ijoro, ica kubiri n’amategeko y’igihugu, eka n’ayandi masezerano Uburundi bwateyeko umukono, mu bijanye n’umwidegemvyo w’abanyagihugu. Eka mbere n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ritanga amahirwe angana, haba ku bakenyezi n’abagabo. Ivyo n’ibishikirizwa na Gustave Niyonzima, umushingwamanza akongera akaba n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu. Aributsa ko inama nshingamateka ari yo yonyene ifise ububasha bwo gushinga amategeko, kandi ko ivyo bihano bivugwa na Musitanteri wa Ruhororo, ata na hamwe vyanditse.
IV. Haribonekeza ikena ry’amazi mu ntara ya Bujumbura, ibituma haduka indwara ziturutse kw’isuku rike. Abanyagihugu bo muri iyo ntara bavuga ko ubu bikora ku mazi yo mu nzuzi, bagasaba kuronswa amazi meza. Muganga Joel Nibigira, arongoye akarere k’ubuvuzi, aremeza ko abanyagihugu bahanzwe n’ikibazo c’amazi meza.
V. Abantu barenga 168 bagize itohoza ku bijanye n’ingene ingo zibayeho babitumwe n’ikigo ISTEEBU, Institut de statistiques et d’études économiques du Burundi, barasaba agahembo kabo. Bavuga ko ico gikorwa babatumye caheze mu kwezi kwa kane guheze, ariko barindiriye igice ca nyuma c’amahera batabahaye, amaso ahera mu nzira. Bagasaba gutunganirizwa.
VI. Abayobozi b’amashure shingiro n’abarongoye ay’inyuma, baridogera umuyobozi w’indero muri komine Kayanza Abel Nteziryayo, kubera y’uko ariko arabatangisha ku nguvu,  kuva kuri uwu wa gatanu, amafaranga ari hagati ya 5000 na 15.000, kugira umuyobozi arihe ibinyobwa vyanyowe ku musi bariko barahimbaza umusi wahariwe umwarimu. Abo bayobozi bakabona ko ari ubusuma, kuko ivyo binyobwa batabinyoye. 
VII. Inyuma y’imisi mirongo itatu ata musitanteri igira, komine Rumonge iramutswa Musitanteri mushasha. Jérémie Bizimana, ni we yahavuye atorwa n’inama ya Komine, kuri uyu wa gatandatu. Haruhande y’abagize inama mpanuzwajambo ya komine, hari intumwa y’uwaserukiye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu  hamwe na Buramatari w’intara ya Rumonge. Itorwa rya musitanteri rikaba ryari rimaze imisi riteye ingorane, kuko ico kibanza caharanirwa n’abatari bake bo mu mugambwe CNDD-FDD.
VIII. Mu kigabane kw’Isôko c’uno munsi, tugaruka ku kudahana   ubwicanyi bwagiye burakorerwa abamenyeshamakuru mu Burundi kwiganje, kandi n’ubu kukiriko.

Ibindi bisa n'ibi