Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/11/2020

Publié le 12 novembre 2020 par Rédaction
I. Urunani rw’abashingwamanza b’abarundi bakorana na sentare mpanavyaha mpuzamakungu CB-CPI rwarituye umugwi wa ONU, ngo ukore amatohoza kw’ipfungwa ridakurikije amategeko ry’uwahora ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino. Ku bw’umushingwamanza Lambert Nigarura, umwe mu bagize urwo runani, avuga ko bituye uwo mugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu, kubera ko agateka k’uwo yahoze ari umushingamateka kabangamiwe cane, n’aho ari mw’ibohero. Ku bwiwe ngo uwo mugwi ufise akarusho kadasanzwe, kuko wikorera amatohoza kandi utarindira ko amasentare yo mu gihugu aheza gutohoza no kuburanisha uwo baba bariko barafasha, maze bagasohora icegeranyo.
II. Urunani CFOR-Arusha rurasaba rushimitse umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, kurungika intumwa yiwe idasanzwe mu Burundi, itazohabwa amategeko n’ubutegetsi bw’I Gitega, ariko ize yitaho nyabuna ibibazo abarundi barimwo. Ku bwa Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha, icihuta n’uko amakungu agondoza abarongoye Uburundi kwitaba ibiganiro n’abo bitavuga rumwe, ibiganiro bidahagarariwe na kano karere nk’uko vyahora, biheze bihagararirwe nyabuna n’ishirahamwe ONU nyene. Ferederiko Bamvuginyumvira abishikirije inyuma y’aho hasohotse kuri uyu wa kabiri, rapport y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ko agiye kwongera ikiringo ibiro vy’intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, gurtyo habe ibiganiro bishika ku mahoro arama.
III. Isekeza SOS Torture Burundi ririyamiriza ihohoterwa ryagiriwe umunyagihugu yitwa Bienvenu Nshimirimana, arigiriwe n’uwurongoye karitiye ya Mirango, Janvier Bizimana. Ivyo vyabaye kw’igenekerezo rya 04 munyonyo umwaka wa 2020, muri zone ya Kamenge. Nk’uko bivugwa n’ababibonye, nyene guhohoterwa yaraje kuramukanya, aca yagirizwa ko yari aje kwiba, mu nyuma ni ho yakubitwa amahiri. Kubwa Aimé Kwizera, arongoye igisata co kumenyesha amakuru muri SOS torture Burundi, ngo birababaje kubona abakora ayo mabi batabihanirwa no mu gihe baba bamenyekanye.
IV. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru IWACU bari mw’ibohero haraheze imisi 388 i Bubanza. Baciriye urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa na yo ikaba yakomeje igihano baciriwe, co gufungwa imyaka ibiri n’igice, n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine Musigati, ahariko harabera intambara hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana bagirizwa kwifatanya n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko barekurwa, kuko ata caha bakoze uretse ko bakoze akazi kabo.
V. Abana barenga 40 ni bo bamaze gufatwa n’indwara itaramenyekana, ifise ibimenyetso vyo kuribwa mu nda, kumeneka umutwe yafashe abanyeshure bo kw’ishure TITI, iri muri komine Musigati, intara ya Bubanza kuva mu gitondo co ku musi wa gatatu, ivyatumye inyigisho zihagarara kuri iryo shure. Abavyeyi bibaza ko boba bariye ibifungurwa bitameze neza. Ubuyobozi bw’iryo shure bwo bwemeza ko, abo banyeshure bamaze kujanwa kwa muganga, basanze barwaye malaria.
VI. Abantu 4 basanganywe umugera wa Covid-19 i Kobero aho batashe bavuye hanze y’igihugu, bagasanga barawugwaye ejo ku musi wa gatatu, baragumutse banka kwemera ivyavyuye mu bipimo, baranabomora imiryango y’aho bari bashizwe ngo bakurikiranwe.
VII. Emmanuel Nsabimana yarasanzwe ari umuyobozi mu biro vy’iperereza vy’igihugu, ari mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rutana, kuva ku musi w’ejo wa gatatu. Emmanuel Nsabimana yigeze kuba ari umumenyeshamakuru mu kinyamakuru Iwacu, akongera akaba umuyobozi wa Radio RPA, yagirizwa kumena amabanga y’akazi, guhemuka no gusumira urusaku abakeba b’ubutegetsi. Hakaba hari n’abandi bakozi babiri b’iperereza nabo nyene boba bafungiwe mw’ibohero ry’intara ya Bururi bazira ico caha nyene.

Ibindi bisa n'ibi