I. Abasirikare b’abarundi baherutse gutahuka bava mu gihugu ca Somaliya, bavuga ko bafise ingorane zo kuronka amafaranga yo kwibeshaho no gutunga imiryango. Ivyo bikaba vyatumwe n’ukwo batahutse bamaze amezi arenga cumi bataronkejwe agahembo kabo, iyo bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Bamwe muri bo basaba ingurane mu ma banki n’ayandi mashirahamwe akora nk’ama banki, abandi nabo bakaja gusaba amafaranga abo basangiye akazi, ivyo bita kwimena amaso.
II. Umugambwe CNDD-FDD uriko urahimbaza indwi yahariwe umugwanyi mu gihugu cose. Umugambwe CNDD wa Léonard Nyangoma ari nawo wavuyemwo CNDD-FFD uranegura ingene umugambwe CNDD-FDD usa n’uwiyitirira ko ufise abagwanyi wonyene. Léonard Nyangoma avugako ahubwo CNDD-FDD iriko ushaka kwiyamamaza gusa. Akababazwa n’uko intumbero bari bafise igihe bafata umuheto, itariko irakurikizwa n’umugambwe uri ku butegetsi uno musi. Iyo ntumbero nayo ngo yari gutuma abarundi bose mu butandukane bwabo, batera imbere muri demokarasi nyakuri. Léonard Nyangoma.
III. Ku bwa Charles Nditije arongoye umugambwe Uprona utemewe n’ubutegetsi bw’I Gitega; abo mu mugambwe CNDD-FDD ngo ntibari bakwiye kwitwa abagwanyi ngo kubera ko barangwa n’ubwicanyi butagira izina bakoze imbere y’uko uwo mugambwe ushikira ubutegetsi. Charles Nditije avugako umusi wahariwe umugwanyi ngo wari ukwiye guharirwa abarundi bagwanije Rumaliza barikumwe na Mwezi Gisabo mu gihe Uburundi bwariko buharanira ubwigenge.
IV. Abagendana ubumuga bo mw’ikambi ya Mulongwe bararonkejwe inyigisho zo kwibako mu guhurumbira amashirahamwe yobafasha kwiteza imbere. Ishirahamwe ry’abakenyezi bita AFPD niryo ryabaronkeje izo nyigisho kuri uno wa gatanu. Umwe mu bakurikiranye izo nyigisho avuga ko abo bagendana ubumuga bashobora kutabandanya kuzera inze mu gihe boja mu mashirahamwe.
V. Impunzi z’abarundi zigendana indwara y’igisukari ariyo bita diabète mu rurimi rw’igifaransa ngo ntizorohewe muri kino gihe c’ikiza ca Covid-19. Ivyo bishikirizwa na Jérôme KAZABUKEYE asanzwe ari mu bagendana iyo ndwara. Ngo ibiciro vy’imfungurwa za nkenerwa ku muntu arwaye iyo ndwara vyaraduze. Agasaba abagiraneza kugarukira izo mpunzi na cane cane ishirahamwe ryitaho impunzi HCR, kubaronsa imiti n’ukubavuza bitagoranye. Abishikirije mu gihe uko umwaka utashe, igenekerezo rya 14 Munyonyo, ari umunsi wo kurwanya indwara y’igisukari.
VI. Kuri uno w’Imana isaha icenda ku kibuga Intwari, Uburundi butegerezwa gutsinda kugira bushobore kuja mu gikombe ca Africa cimirije. Imbere y’abakunzi babo, Intamba Mu Rugamba zifise amahirwe, ariko zigatsindwa, inkino zo mu mwaka uza nta kamaro zizoba zigifitiye Uburundi.
VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatandatu iminsi 390 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.
VII. Mu kigabane Kw’isoko c’uno munsi dushimikira ku bikorwa vy’ukwubaka, bidakurikije amategeko ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.