I. Abanyagihugu bo ku mutumba wa Rweza uri muri zone Muyira, mu ntara ya Bujumbura rural, baratewe umutima uhagaze n’ihohoterwa ririko rikorerwa uwitwa BIGIRIMANA Hermenegilde batazira Kigoma, asanzwe ari mw’ibohero rya Mpimba co kimwe n’umukenyezi wiwe, kuva mu 2017. Akaba yagirizwa n’uwurongoye zone kuba hatowe mu rugo rwiwe ibirwanisho, ivyo abo banyagihugu bahakana bivuye inyuma, bakavuga ko ari umutego wakozwe n’uyo arongoye zone, ngo kuko yama yakoreye ikibi abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike. Abo banyagihugu babandanya batabariza uwo Kigoma, kuko yahohotewe akaborezwa igufa mw’iperereza bamukuye mw’ibohero rya Mpimba.
II. Radio Inzamba twagerageje kurondera urongoye zone wa Muyira Gédéon batazira MPITABAVUMA ariko aca aratukana. Amakuru twahavuye turonka n’uko n’umukenyezi w’uyo Bigirimana Hermenegilde nawe yahavuye akubagurwa co kimwe n’umugabo wiwe, umukenyezi wiwe akaba atabona kubera kuborezwa igufa, aho apfungiwe mw’ibohero ry’abagore mu Mpimba. Hermenegilde Bigirimana batazira Kigoma wewe akaba yaciye ajanwa gupfungirwa aho bita mu muzingi.
III. Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru iwacu barakwije imisi 397 bafungiwe mw’ibohero ry’i Bubanza, bagirizwa gukorana n’imigwi yitwaje ibirwanisho mu gihe bafashwe bagiye kurondera amakuru, igihe umutekano wari wahungabanye mu ntara ya Bubanza. Nabo ni Christine Kamikazi, Agnes Ndirubusa, Terence Mpozenzi na Egide Harerimana. Amashirahamwe atandukanye arasaba ko barekurwa kuko bariko bahorwa akazi kabo ko kumenyesha amakuru.
IV. Misago Yohani,umugabo w’imyaka 47, wo ku mutumba Rushasha, zone na komine Gashoho, y’intara ya Muyinga yaratowe kuri uno wa gatanu amanitse ku mugozi. Amakuru Radiyo Inzamba ikura aho mu gashoho avuga ko yoba yariyahuye, abandi na bo bakamenyesha ko yoba yiciwe ahandi aza kumanikwa ku mugozi yapfuye. Muri komine Buhinyuza aho I Muyinga nyene imvura nyishi yahaguye yaraye ihitanye umwana na nyina wiwe baguweko n’inzu, nkuko amakuru ava mubajejwe intwaro abivuga.
V. Ikibazo co kuvyara abana benshi co kimwe no guharika ni bimwe mu biteza umutekano muke, abana na bo bakiga nabi. Ivyo vyavugiwe muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza kuri uyu wa kane. Hari mu nama y’abajejwe intwaro, abashingamateka n’abakenguzamateka batowe muri iyo ntara. Ikibazo co guharika bakaba bagiye kucicarira.
VI. Abaguzi baba ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yaho, baratewe umutima uhagaze n’ibiciro vy’umurengera ku bifungugwa bimwe bimwe nk’ifu y’ifarini ikora imikate hamwe n’inyama aho ibiciro vyavyo vyaduze umurengera, mu gihe kitarenze amezi ari hagati y’ane n’atandatu.
VII. Mu gihe isi yose yaraye ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana, mu kigabane kw’īsôko twashimye kuvuga ibijanye n’ingorane y’abana bita abo mw’ibarabara yabaye ndanse mu Burundi.