I. Evariste Ndayishimiye abona ko ari ngombwa ko abantu bafata inzira yo kurwana, hakoreshejwe umuheto, mu gihe boba barenganijwe n’ubutegetsi. Yabivuze ku munsi wa gatandatu mu birori bisozera indwi yahariwe umurwanyi, hari mu ntara ya Karusi. Imvugo abatavuga rumwe na leta babona ko iteye ubwoba ikagira n’ingaruka mbi nyinshi.
II. Abanyagihugu b’i Nyabihanga na cane cane abo mu mugambwe CNL, baratekewe n’ubwoba kuva ku wa gatandatu uheze, aho babonye imbonerakure Dieudonné Nsengiyumva batazira Rwembe yidegemvya. Sentare nkuru y’intara ya Mwaro yari iherutse kumucira urubanza rwo gupfungwa imyaka 15, yagiriwe icaha co kunyuruza no kwica umunywanyi w’umugambwe CNL w’aho i Nyabihanga, mu gihe co kwiyamamariza amatora aherutse yo muri Rusama uyu mwaka.
III. Hari umugwi w’abanywanyi b’umugambwe CNL bamaze imyaka itatu bapfungiwe mu Mpimba, bakaba bamaze umwaka barejejwe na sentare ariko bakaba batararekurwa. Muri abo, harimwo umukenyezi n’umugabo wiwe, baguma basinzikarizwa ubuzima, uwurongoye zone ya Muyira, Gédéon Mpitabavuma, akaba ari we yagirizwa kuba ari inyuma y’uko kugumizwa mu munyororo.
IV. Umugabo yitwa J.Bosco Nkenguburundi w’imyaka 43, yaba ku mutumba Gikingo, zone Burambira, Komine Gashoho yo mu ntara ya Muyinga, yaraye yishwe n’abantu batamenyekanye, nkuko makuru ava kuri uwo mutumba avyemeza. Abo bagizi ba nabi bakuye Nkenguburundi mu nzu yamaze kuryama, baja kumugandagurira kw’ibarabara, hari igihe c’isaha zitandatu z’ijoro nkuko ayo makuru abandanya abivuga. Imbere yo kuja kumukura mu nzu, abo bagizi ba nabi ngo babanje kwugaranira mu nzu ababanyi ba nyakwigendera kugira ntaronke abaza kumutabara. Umuntu umwe yikekwa muri ubwo bukozi bw’ikibi, akaba ari mu ntoke z’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Hari haheze imisi ibiri uwitwa Yohani Misago wo ku mutumba Rushara, muri iyo Komine ya Gashoho nyene agandaguwe.
V. Mu ntumbero yo kurwanya bikwiye ikiza COVID-19 mu Burundi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bugiye gukoresha abaremesha kiyago bahora bafasha mu kurwanya igituntu, ivyo ngo bikazoshoboka kubera ko ico kiza gihakwa gusangira ibimenyetso n’indwara y’igituntu. Ibi vyashikirijwe na muganga Joseph Nyandwi, arongoye ishuri ry’ubuvuzi INSP, ni mu gihe abaganga barongoye intara z’ubuvuzi bariko barakarihirizwa ubwenge kubijanye no kurwanya ikiza COVID-19.
VI. Imyidogo ni myishi mu mpunzi z’abarundi bagendana indwara zidakira bari mw’ikambi ya Mulongwe, muri Republika iharanira demokarasi ya Congo. Abo bagwaye indwara nka Sida na Diabète, bavuga ko uretse kuvugwa nabi nabi, no gufungura bafungurirwa nabi bagasaba ababijejwe kubagarukirako.