Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/11/2020

Publié le 24 novembre 2020 par Rédaction
I. Abana bakiri bato babiri, umwe y’imyaka 2, n’uwundi w’imyaka 7, bo mu muryango umwe, nibo bitavye Imana bakubiswe n’inkuba ku mutumba Buvumbi, muri komine Butihinda, intara ya Muyinga, inyuma y’imvura nyinshi yaguye umwanya munini guhera isaha zitandatu kuri uwu wa kabiri, nk’uko amakuru ava aho kuri uwo mutumba avyemeza. Impene 3 za Sekuru w’abo bana nyene, zikaba zahitwanywe n’iryo sanganya. Eka n’igice c’ishure shingiro rya Gatwenzi kikaba casambutse. No ku mutumba wa Rushombo muri iyo komine nyene, amazu atatu akaba yagurutse.
II. Imisore ibiri yo ku musozi Gatovu, zone Munagano, komine n’intara ya Muyinga, yaritavye Imana mu gatondo ko ku wa mbere, iguweko n’umusozi aho bariko bimba inzahabu Ku mutumba Buhurana, muri iyo zone ya Munagano, bidaciye mu mategeko, nk’uko amakuru ava aho abimenyesha. Nkengurukiyuburundi w’imyaka 22, na Ndayisenga Richard w’imyaka 27 bose baturuka ku musozi Gatovu, baguweko n’umusozi bari mu kirombwe c’inzahabu birananirana kubakurayo bagihema, nkuko ayo makuru avyemeza. Kuva umwaka utangura, abantu barenga cumi nibo ngo bamaze kwitaba Imana bari mu birombwe, mu bibanza bitandukanye vyimbwamwo inzahabu bidaciye mu mategeko.
III. Uwahora arongoye imbonerakure muri komine Nyabihanga, Dieudonné Nsengiyumva, batazira Rwembe, umunyororo, apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya, yoba aronswa impusha zo gusohoka ibohero mu mpera z’iyinga. Kuri uyu wa gatandatu no ku w’imana uheze, bivugwa ko yagiye gutera ubwoba ivyabona n’umuryango w’umuhisi Richard Havyarimana yahora arongoye umugambwe CNL, ku mutumba Mbogora, yishwe yabanje kunyuruzwa n’iyo mbonerakure batazira Rwembe, mu gihe c’imyiyamamazo y’amatora aherutse kuba muri Rusama uyu mwaka.
IV. Ejo aho bukera niho hazotangura ikiringo c’imisi cumi n’itandatu, yo kuzirikana no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Mu bikorwa bizoshimikirwako mu Burundi ngo n’ukuzomenyekanisha itegeko rikumira kandi rihana abakora amabi akorerwa abakenyezi, rikazomenyekanishwa mu ndongozi. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji wo gufatana mu nda n’agateka ka muntu, Immelde SABUSHIMIKE. Iryo sekeza ry’imisi cumi n’itandatu yo kuzirikana no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi mu Burundi rikazotanguzwa icese mu Burundi kuwa gatanu mu ntara ya Muramvya.
V. Igihano c’upfungwa amezi 3 canke akariha ihadabu y’amafaranga ibihumbi ijana, ni co Sentare nkuru y’intara ya Kayanza yaciriye kuri uwu wa mbere, umugabo yagirizwa icaha co kuba yatyoje imico n’imigenzo y’igihugu. Uwo mugabo akaba yagirijwe kuba ku musi wa gatanu w’indwi iheze, yarishe imbwa yiwe afise intumbero yo kuyirya.
VI. Ntitwokwibagira abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno munsi wa kabiri, imisi 400 bafungiwe mw’ibohero ry’i Bubanza, bagirizwa gukorana n’imigwi yitwaje ibirwanisho, mu gihe bafashwe bagiye kurondera amakuru, igihe umutekano wari wahungabanye mu ntara ya Bubanza. Nabo ni Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana. Amashirahamwe atandukanye arabandanya gusaba ko barekurwa, kuko bariko bahorwa akazi kabo ko kumenyesha amakuru.
VII. Petero Buyoya ntagiserukira umuryango w’ibihugu vya Afrika mu gihugu ca Mali no mu karere ka Sahel. Yaratanze imihoho haraheze indwi zibiri. Nk’uko amakuru ava mu muryango w’ibihugu vya Afrika abivuga, yoba yatanze imihoho kubera ari mw’ishirahamwe ririmwo Uburundi. Sentare ntahinyuzwa y’Uburundi ikaba yari iherutse gucira urubanza uyo yahoze ari umukuru w’igihugu, gufungwa ubuzima bwose kumwe n’abo bari kumwe, bafashanya kurongora Uburundi. Bagirijwe kuba baragize uruhara mw’igandagurwa rya Président Melchior Ndadaye, mu mwaka wa 1993.
VIII. Hari abarundi bahungiye mu gisagara ca Nyamata, akarere ka Bugesera, batararonswa ibibaranga nk’impunzi, n’abandi batarandikwa nk’impunzi bahamaze imyaka irenga ibiri. Abo bose bavuga ko ivyo bibabera intambanyi mu vyo barondera kugira babeho, nko kuronka akazi. Mw’ishirahamwe HCR bagasigura ko hari igikorwa co gusuzuma ko abiyandikishije bakiri koko ku butaka bw’Urwanda, kandi ko gutanga ivyo biranga impunzi bifata umwanya.
IX. Mu gihe zimwe mu mpunzi z’abarundi bahungiye i Mulongwe mu gihugu ca Congo, zigwaye indwara zidakira, zitavurwa ngo zinaronswe n’ivyankenerwa nk’ibifungurwa, ishirahamwe CBDH/VICAR riharanira agateka k’impunzi, risaba ishirahamwe HCR gukora ibishoboka izo mpunzi zigafashwa. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko impunzi z’abarundi muri rusangi zahungiye muri ico gihugu zama zagize ingorane z’ibifungurwa.

Ibindi bisa n'ibi