Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa barafunzwe mubusho butandukanye mu ntara ya Rumonge kuva kur’uyu w’Imana. Bose bahagaritswe n’igipolisi, abanywanyi b’uwo mugambwe bakamenyesha ko batazi ico bafatiwe.
Umuhari uharanira agateka ka muntu Iteka uranegura ukutihanganiranira mu vya politike vyibonekeza mu gihugu hamwe n’abantu babandanya bagandagurwa. Mu cegeranyo cawo kubijanye no gutosekaza agateka ka zina muntu mu ndwi iheze, ligue Iteka yerekana ko abantu 6 basinzikarijwe ubuzima, 5 baricwa, abandi 5 bahagarikwa hadakurikije amategeko mu kiringo c’indwi imwe. Ibiri mur’ico cegeranyo tubibwirwa na Anschaire NIKOYAGIZE arongoye Ligue Iteka
Turi italiki 15 gitugutu, amakungu akaba ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi. Ibirori bijanye n’uwo musi mu Burundi bizoba kuruyu wa gatanu italiki 18 mu ntara ya Ngozi ku civugo « Dushigikire umukenyezi mwirimizi ashikire inyubakwa rusangi ziramba be n’imigambi irashe yo gutegekanya kazoza ». Mwijambo yashikirije kur’uyu wambere umushikiranganji ajejwe agateka ka muntu yerekanye ko umukenyezi mwirimizi afise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu. Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu.
Umukenyezi w’umwirimizi mu Burundi ngo nta mahirwe afise kugira yitabweho ashobore gukingirwa n’ubutegetsi buhari bwugarijwe n’ibibazo bidasanzwe mubijanye n’imibano, politike n’ubutunzi. Uko niko umupfasoni Juliette NIJIMBERE abibona, akaba ari umwe mu bakenyezi barajwe ishinga n’ukwo amahoro agaruka mu Burundi. Nayo ngo ivyavuzwe n’umushikiranganji Martin Nivyabandi nivyo yakuye ku mbuga ngurukana bumenyi ataho bisa bisana no kubishira mu ngiro.
Amasezerano aherutse gutegwa ko igikumu hagati ya leta ya Tanzaniya n’Uburundi aha uburenganzira igipolisi kumpande zose z’ivyo bihugu kwinjira mugihugu kurondera abagizi ba nabi ntakindi bigamije atarikuja gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya. Ivyo bivugwa na Frederic Bamvunginyumvira icegera c’uwurongoye urunani CFOR ruharanira amasezerano ya Arusha. Ku bwiwe ngo ayo masezerano ntabaho na hamwe mugihe hari igiplosi mpuzamakungu INTERPOL kijejwe kurondera inkozi zikibi ziri mukindi gihugu.
Mw’isekeza ryo gusigura ibiri mu masezerano yerekeye agateka ka zina muntu ; uno musi dusigurigwa ingingo ya 46 isigura ivy’umurwi wa Afrika ujejwe agateka ka zina muntu ukora. Igikorwa ca mbere ngo n’uguhimiriza abantu kuvyerekeye agateka ka zina muntu nyene. Umushingwamanza Cyriaque Nibitegeka wo mw’ishirahamwe CAVIB arabiducira ku mayange.