I. Ingenzi iyariyo yose yinjiye ku butaka bw’Uburundi itegerezwa gupimwa ikiza ca COVID 19 igishika ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye c’i Bujumbura no ku yindi mipaka y’igihugu. Igihe habonetse umuntu yanduye ico kiza mu ndege canke mu bwato, ingenzi zose zirimwo zizoshirwa mu kibanza ca bonyene mu kiringo kingana amasaha 72, yiyongereye kuyandi 72 yari ahasanzwe. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Thaddée Ndikumana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wakane. Ingenzi ngo itegerezwa kandi kuguma mw’ihoteli aho yashizwe mu masaha 72 ategekanijwe n’amategeko.
II. Abavyeyi barungitse abana mu mashure mu bihugu vyo hanze babuze ayo bacira n’ayo bamira, kubera ko batemererwa kuvunja amahera y’agaciro, baheze barungikire impamba n’amahera y’ishure abana babo. Aho ni mu gihe kuvunja amafaranga y’agaciro bikorerwa mw’ibanki BANCOBU gusa, naho nyene uwuyarondera asaba uruhusha akarindira amaso agahera mu nzira, canke bigashika akabanza gutanga igiturire.
III. Uno munsi mw’ikambi ya Mulongwe niho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. Ngo naho uwo munsi wahimbajwe, abagendana ubumuga bo muri iyo kambi ngo babayeho nabi, kuko bashobora kumara umwaka ata mfashanyo baronse. Ivyo bishikirizwa n’umwe mu mpunzi z’abarundi asanzwe agendana ubumuga.
IV. Amakungu n’abarundi bakunda igihugu bakwiye kurikanura kugira bakinge ihonyabwoko ry’abatutsi ririko rirategurwa mu Burundi n’umugambwe uri ku butegetsi. Ivyo biri mu rwandiko rwasohowe kuri uyu wa kane n’umuhari MAP Burundi Buhire, mw’isekeza ry’imisi ndwi ryatanguje ryo gukangurira abarundi bakunda igihugu, kwiyamiriza ihonyabwoko ririko rirategurwa. Libérat Ntibashirakandi avugira uyo muhari asigura ko mu muhari MAP Burundi-Buhire batewe umutima uhagaze na rusansuma y’ubwoko iriko irakorwa mu mashirahamwe yigenga mu Burundi. Ku bwiwe iyo rusansuma ije gusongera isibe mu gihe hari hamaze imisi havugwa amajambo aturira, mu gihugu.
V. Hari udukoko tumeze nk’ingungu twateye imirima y’ibigori ku mabarabara ya kabiri na gatatu ku mitumba ya Warubondo, Vugizo na Mukoranya, muri zone Gatumba mu ntara ya Bujumbura. Abanyagihugu basaba ko boronswa imiti yo gupompa utwo dukoko.