Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/12/2020

Publié le 5 décembre 2020 par Rédaction
I. Uburundi bwarakuwe vy’imfatakibanza, ku rutonde rw’ivyigwa mu nama y’umutekano ya ONU, kuva kuri uyu wa 4 Kigarama 2020. Hafatiwe ku vyasabwe n’igihugu ca Afrika y’epfo kirongoye inama y’umutekano ya ONU. Abagize inama nkuru y’umutekano baremeje ko Uburundi buva kuri urwo rutonde, ariko Leta y’Uburundi nayo igategerezwa kubanza kwisunga ivyo isabwa. Aho hakaba harimwo muri rusangi ibijanye no kwubahiriza agateka ka zina, kwubahiriza intwaro rusangi, gutsimbataza amahoro no kunywanisha abarundi, hamwe n’iterambere ry’igihugu.
II. Iyo ngingo yakiriwe mu muhari MAP Burundi Buhire nk’akagohe kavuniwe abatavuga rumwe n’ubutegetsi, kugira baje mu runani rw’intamenwa basubire kwizerwa mu ntumbero bihaye yo guharanira intwaro ibereye mu Burundi. Professeur Libérat Ntibashirakandi, avugira umuhari MAP Burundi Buhire, avuga ko iyo ngingo ifashwe mu gihe abantu bakibandanya kwicwa mu Burundi.
III. Abakorerwa amabi afatiye ku gitsina, barafise aho bokwitura, biciye mw’ibanga, mu gushengeza ababakoreye ayo mabi. Bishikirizwa na Chantal Uwambazamariya, umuhinga mu kurinda amabi afatiye ku gitsina. Ni mu gihe amakungu kuva kuwa 25 munyonyo, aharira iminsi 16 yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.
IV. Mu kigabane ‘’Kw’isôko’’ c’uno musi, tuvuga ibijanye n’ukurwanya ikiza ca SIDA mu Burundi, na cane cane ku bana bavuka.

Ibindi bisa n'ibi