I. Ingingo yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu bishingwako ijisho n’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, ngo ntitanganje kandi n’icigwa ku barundi. Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye, umenyesha ko abarundi bamenyeshejwe ko atari amakungu azoza gutorera umuti ingorane bafise. François NYAMOYA n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD.
II. Ikurwa ry’Uburundi ku rutonde rw’ibihugu bikurikiranwa n’inama y’umutekano ya ONU ntiyakiriwe neza n’abarundi bahunze igihugu. Bamwe mu baganiriye na radio Inzamba bafise amakenga ko amabi yarasanzweho, agiye gukorwa ata camira, abandi nabo ngo n’icigwa ko amakungu ata kintu kinini abarundi bayitegako, nyabuna bigwaneko.
III. Hari umunyagihugu arengeje ukwezi afungiwe mw’ibohero y’intara ya Muyinga, akaba ari mu gihe yahejeje umunyororo yari yaraciriwe na Sentare ya Ntahangwa, imwagiriza kuba yakoresha impapuro za magendo be no gutuka umukuru w’igihugu. Abiwe bagasaba ko yorekurwa.
IV. Jean Ndikuriyo, bita John, ni umukuru w’umutumba Shana wa zone na komine Rusaka, mu ntara ya Mwaro, yagirizwa n’abo atwara, ko abatoteza birenze urugero, bamwe mbere akanabapfunga. Ivyo abo banyagihugu bamwagiriza arabihakana, akavuga ko abavuga ko abatoteza ari abatubahiriza amategeko yashinze, yo kwugara ubunywero no kuba bashitse mu zabo isaha zitatu z’ijoro.
V. Kwitwa impunzi ntibisigura ko ubuzima buba buhagaze. Ivyo bivugwa n’umwe mu rwaruka rw’impunzi y’umurundi, yatejwe imbere n’ubworozi bw’inkoko. Radio Inzamba yamusanze ahitwa Rilima mu karere ka Bugesera, mu buseruko bw’Urwanda. Arerekana ingene ubwo bworozi abwungukiramwo.
VI. Ikena ry’amazi rigize iminsi ryibonekeza mu kambi y’impunzi ya Mulongwe mu gihugu ca republika iharanira demokarasi ya Congo, rirateye umutima uhagaze impunzi zahahungiye. Umwe muri bo yavuganye na radio Inzamba avuga ko bafise ubwoba ko bashobora kugwara bitewe n’isuku rike. Bagasaba ababijejwe gutora umuti, amazi atararenga inkombe.