Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/12/2020

Publié le 9 décembre 2020 par Rédaction
I. Abantu babiri baraye bishwe bahitanywe na grenade, muri komine Buganda, ni mu ntara ya Cibitoke, be no muri komine Kiganda, mu ntara ya Muramvya, muri iri joro ryakeye. Abajejwe intwaro basaba abafise ibirwanisho batabifitiye uruhusha, kubisubiza.
II. Inama nkuru y’umutekano ya ONU yafashe ingingo yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ivyigwa, mu gihe ikibazo c’agateka ka zina muntu mu Burundi kiraje ishinga abatari bake. Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu Human Rights Watch, inama nkuru y’umutekano yategerezwa kubandanya itanga icegeranyo cerekana ingene agateka ka zina muntu kifashe, ingene abanyagihugu babayeho, n’umutekano wabo ingene wifashe, biciye mu vyegeranyo vy’akarere k’ibihugu vy’ibiyaga binini na Afrika yo hagati.
III. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritisubiyeko, ejo rizokwagirizwa ko ririko rirafasha leta y’Uburundi mu mugambi yiyemeje mu kwica n’ugutoteza abarundi. Ivyo biri mw’ikete urunani CFOR Arusha rwandikiye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe Antonio Guterres, kuri uyu wa kabiri. Kubwa Rwigemera Jean Bosco, icegera c’uwurongoye urunani CFOR Arusha, ngo biratangaje kubona ishirahamwe ONU ririko riravuguruza ivyegeranyo umugwi waryo ujejwe gutohoza ku bwicanyi n’ayandi mabi, udasiba gushira ahabona ko ibintu vyifashe nabi mu Burundi.
IV. Kubona abakoze ubwicanyi bagifise n’ivyiyumviro vy’ihonyabwoko mu Burundi batigeze bahanwa, ni vyo bituma n’ubu haguma hariho abagifise ako gatima. Bivugwa n’ishirahamwe AC-Génocide igisata co muri Canada, kuri rino genekerezo rya 09 Kigarama, aho isi yose yari iramutse yibuka abakozweko n’icaha c’ihonyabwoko, kubasubiza agateka hamwe n’ugukinga ako kabi. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’iryo shirahamwe, akaboneraho kuremesha abakozweko n’ihonyabwoko mu Burundi ko bitebe bitebuke, ubutungane buzoteba bukubita intahe mu gahanga abakoze ako kabi kabishe.
V. Kuri uyu wa 9 Kigarama, amakungu ahimbaza umusi wahariwe kurwanya igiturire. Kakaba kabaye akaryo kw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire no gusesagura amatungo ya leta, ko kwerekana ko impinga ikiri ndende mu kurwanya igiturire mu Burundi. OLUCOME isigurako mu kibituma, harimwo ugushaka guke ababijejwe bafise mu kwubahiriza amategeko agenga ico gisata. N’abari kukirwanya ngo ni bo bakirya nk’uko Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME abisigura.
VI. Ikibazo c’amagara y’abantu cabaye akananirabahinga muri site y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe, mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi. Izo mpunzi zikavuga ko aho zivuriza ari kure, kandi hakunda kubura imiti. Dominique Ntamubano, aserukira izo mpunzi.

Ibindi bisa n'ibi