Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/12/2020

Publié le 14 décembre 2020 par Rédaction
I. Abantu batatu baratowe bishwe kuri uyu w’Imana mu ntara za Bujumbura, Gitega na Rumonge. Umwe n’umukobwa yatowe ikiziga mu nzu itaruzura muri zone Ruyaga, komine Kanyosha.  Ntiyamenyekanye uwari we. Uwundi n’uwutwara ipikipiki yatowe muri komine Makebuko, intara ya Gitega. Uwundi n’umuhungu w’imyaka 15 yishwe acumiswe n’umubanyi wiwe w’imyaka 18, muri komine Rumonge. Umuhari w’agateka ka zina muntu Iteka usaba amatohoza kuri ubwo bwicanyi bwarenze urugero. Emmanuel Nibizi, icegera c’umukuru wa Ligue Iteka.
II. Ibihugu vyahora bifasha Uburundi bisabwa bishimitse kudatezurira na gato abantu bo mu nzego za leta bagirizwa ubwicanyi n’ayandi mabi, vyakozwe kuva muri Ndamukiza 2015 mu Burundi. N’akamo gaterwa n’amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, yiyamiriza ukudahana mu Burundi vyabaye ndanse, mu cegeranyo basohoye inyuma y’imyaka itanu abantu bagandaguwe isinzi, mw’ijoro ryo ku wa 11 na 12 Kigarama, umwaka wa 2015. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE rimwe murI ayo mashirahamwe, amenyesha ko imiryango y’ababuze ababo muri ubwo bwicanyi, ibandanya isaba ukuri n’ubutungane.
III. Leta y’Uburundi ishobora kuba iriko iragerageza guhenda abanyagihugu, ibijanye n’ingene ishirahamwe mpuzamakungu ritunganijwe. Ivyo bikabonekera ingene irungika abantu mw’ibarabara mu gihe haba habaye ugufata ingingo bivanye n’uko yorohereza abategetsi b’Uburundi canke itaborohereza. Umunyapolitike Chauvineau Mugwengezo akanegura ko Leta isa n’iyiriko irahisha ukuri abanyagihugu.
IV. Umuntu umwe yapfuye, ibitenge vya magendu biciye imiliyoni 52 z’amafranga y’amarundi, na vyo birafatwa  mu bucagucagu bwo kuri uyu wa mbere n’igipolisi. Hari ku kiyaga ca Tanganyika hafi y’ikivuko ca  Bujumbura. Icegera c’umuvugizi w’igipolisi akaba yamenyesheje ko uyo muntu yishwe arashwe, mu gihe yarashatse kurwanya abapolisi igihe babafata.
V. Uwurongoye ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi yamenyesheje ko ivyo bitenge bica bigurishwa icamunara amafaranga avamwo agaca aja mu kigega ca leta, nayo ubwato bwari buvyikoreye buca busamburwa. Audace NIYONZIMA arongoye OBR.
VI. Abanyagihugu baba muri karitiye Kibenga Rural baridoga ko iyo karitiye yubatse hadakurikijwe amategeko agenga ibisagara. Ivyo vyatumye hari umunyagihugu waho azwi ku ritazirano rya Kaburimbo, yubatse mw’ibarabara, aca azibira amazi n’abandi banyagihugu ntibaba bagishobora gushika mu ngo zabo vyoroshe. Basaba abarongoye igisagara kuza gushira ku murongo uwo munyagihugu ibarabara ryugururwe, gutyo hacibwe n’imifurege itwara amazi.

Ibindi bisa n'ibi