Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/12/2020

Publié le 15 décembre 2020 par Rédaction
I. Hari umwigeme yaraye yishwe arashwe, mw’ijoro ryaraye rikeye, muri karitiye ya Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara rya 6 numero 32. Amakuru radio Inzamba ikura muri iyo karitiye, avuga ko abantu bakoze ubwo bwicanyi baje nk’aba clients binjira muri restaurant, ahakorera uyo mwigeme. Umwe muri abo bari baje mur’ubwo buriro, yaciye arasa uyo mwigeme asanzwe ahakorera. Ayo makuru akavuga ko uyo mwigeme yitavye Imana ageze kwa muganga. Gushika ubu abakoze ubwo bwicanyi ntibaramenyakana, baciye burira imodoka barahunga.
II. Abakobwa n’abakenyezi 101 bariko bategurwa kuja kugurishwa mu bihugu vy’abarabu, kuri uyu wa mbere, barasanzwe ahantu hamwe, mu nzu iri muri karitiye ya Buterere, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Inzu igipolisi cabasanzemwo, ikaba isanzwe ipanzwe n’ishirahamwe rizwi n’amategeko mu Burundi. Mw’ishirahamwe ONLCT où est ton frère, bavugako ivy’urudandazwa rw’abantu mu Burundi biriho bitakiri agaseseshwa rumuri, kandi bikwiye kurwanywa na bose ata n’umwe yigize sindabibazwa.
III. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme ‘’Inamahoro’’ uharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uriyamiriza ivyo bikorwa, uvuga ko bigayitse. Iyo ngendo ngo ije kwemeza ivyo abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi badasiba kwiyamiriza. Marie Louise BARICAKO arongoye uwo muhari ahamagarira abategetsi na cane cane abakenyezi barongoye abandi, gufata ingingo zikingira abo batwara.
IV. Imisore ibiri ifise ingoma 7, imwe icafyeko idarapo y’igihugu, ni yo yafashwe ku muhingamo w’ejo ku wa mbere hahise, n’abapolisi b’abarundi bajejwe gucungera imbibe, ikirere n’abanyamahanga  bakorera ku biro vy’i Kabanga mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko amakuru atandukanye radio Inzamba yaronse  avyemeza. Obède Nshimirimana na Yannick Bigirimana ngo bakaba bari bajabukanye izo ngoma z’Uburundi muri Tanzaniya batabifitiye uruhusha. Izo ngoma zikaba zaciye zigarukanwa mu gihugu, abo basore nabo ukwo ari 2 bakaba babaye barafungirwa ku kirindiro c’igipolisi kiri ku mupaka w’i Kobero, mu ntumbero yo kugira amatohoza.
V. Amafaranga ari hagati y’imiliyaridi igihumbi n’igihumbi n’amajana atanu yategerezwa gufasha abanyagihugu b’aboro mu gihugu, ngo aja mu mifuko y’akagwi gato k’abarundi. Ishirahamwe OLUCOME mw’ikete ryandikiye umukuru w’igihugu, rimusaba ko hoshirwaho itagisi ku matungo umuntu afise, mu ntumbero y’uko igihugu gifasha abanyagihugu bari mu bukene budasanzwe. Gabriel RUFYIRI asaba ko iryo tagisi ryoharurwa kuri 30 kw’ijana. Gabriel RUFYIRI, arongoye ishirahamwe OLUCOME, rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta.
VI. Ishirahamwe OLUCOME rirerekana abantu borihishwa iryo kori ku matungo yabo. Gabriel RUFYIRI.
VII. Ibiciro vy’ibifungurwa bimaze imisi vyaraduze mu ntara ya Rumonge. Abanyagihugu bagura ivyo bufungurwa bakavuga ko bariko barazimbwa, na cane cane ko hasanzwe hari ubukene. Basaba abajejwe intwaro gufata ingingo zo kumanura ivyo biciro.
VIII. Bagenzi bacu 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kabiri iminsi 421 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.

Ibindi bisa n'ibi