I. Umwe mu mbonerakure z‘umugambwe CNDD-FDD iri mu minwe y’inyamiramabi kuva kuri uyu wa mbere, muri komine Matana y’intara ya Bururi. Yahagaritswe n’igipolisi yagirizwa gukubita abantu, aho bivugwa ko yabasize ari intere, yabakuye n’amenyo. Bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD boba bariko baca mu nzira no mu vyatsi, barondera ingene yoreka gukurikiranwa kuri ico caha.
II. Umupolisi w’inyamiramabi muri komine Songa, intara ya Bururi ari mu gasho ka Bururi kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere. Yahagaritswe yagirizwa gusambanya ku nguvu umwigeme yari yahaye akazi. Abo mu muryango w’uwo mwigeme bakaba basaba ko dosiye y’uwo mupolisi yokurikiranirwa hafi, agacirirwa urubanza kuko ngo hari abagomba kuyizimagiza.
III. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero haraheze imisi 428 mw’ibohero ry’i Bubanza. Baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa, na yo ikaba yakomeje igihano baciriwe naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa 10, umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine ya Musigati, ahariko harabera intambara hagati y’inzego z’umutekano, hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Nabo ni Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana, bagirizwa kwifatanya n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko barekurwa, kuko ata caha bakoze uretse ko bakoze akazi kabo.
IV. Ubwoba ni bwinshi mu barovyi bo mu kiyaga Tanganyika mu ntara ya Rumonge, inyuma y’aho amamoteri y’uburovyi arenga atandatu yibwe muri ico kiyaga, mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uw’Imana. Abarovyi bamenyeshako abakoze ubwo busuma bari bitwaje inkoho. Basaba ko umutekano wabo wocungerwa.
V. Abantu babiri barapfuye mu mpera z’indwi iheze mu buryo butandukanye, ku mitumba ya Kivubo na Kaguhu, muri komine Gasorwe y’intara ya Muyinga. Umwe akaba ari umukenyezi, uwundi akaba ari umugabo yararongoye agacimbiri Kivubo, nkuko amakuru atandukanye ava kur’iyo mitumba avyemeza.
VI. Ubushikiranganji bw’ubudandanji be no gutwara abantu n’ibintu, buragabisha ubwa nyuma abadandaza b’iciment yo mw’ihinguriro BUCECO, babandanya kuduza ibiciro vy’iyo ciment uko bashatse. Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubwo bushikiranganji kuri uyu wa mbere, bamenyesheje ko bamaze kugabisha incuro nyinshi abandandaza b’iyo ciment kandi iryo hinguriro BUCECO risanzwe rikorera mu gihugu kandi ridasiba guhingura iyo ciment, ko rero ata gituma ibiciro vyayo biduzwa. Ubwo bushikiranganji buragabisha kandi abadandaza banyegeza iyo ciment bakavuga ko ciment atayihari canke yamaze kugurwa. Ubwo bushikiranganji bugaheraheza iryo tangazo buvuga ko umudandaza azofatwa muri ayo makosa, azohanishwa ihadabu ry’amafaranga ari hagati y’umuriyoni umwe w’amarundi n’imiriyoni 5 z’amarundi, akurwe ku rutonde rw’abadandaza bongere bamwugarire imaganzine yiwe.