Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/12/2020

Publié le 24 décembre 2020 par Rédaction
I. Abantu batatu bo ku mutumba Busangana, komine Bukeye n’intara ya Muramvya, bapfungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Bukeye, kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Bagirizwa ko boba baragize uruhara mw’iyicwa ry’umugabo yari yarabuzwe irengero, kuva mu kwezi kw’umunani, agatorwa ibisigarira kuri uyu wa gatatu muri iyo komine ya Bukeye.
II. Icibutso co Kw’Ibubu ahagandaguriwe abana biga kuri Lycée Kibimba mu 1993 no mu Gatumba ahagandaguriwe abanyamulenge isinzi mu mwaka wa 2004, n’ivyemezo bikomeye biteye ubwoba ubutegetsi. Umwigisha muri kaminuza Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi, avuga ko ivyo kwonona ivyo vyibutso, ata na kimwe bihindura ku bijanye n’igikorwa c’ubutungane, bwaba ubwo mu Burundi canke bwo hanze y’Uburundi. Akaba abivuze inyuma y’aho ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso, ryiyamirije iyibwa ry’umusaraba Kw’Ibubu no gufutanganya ivyandiko mu Gatumba.
III. Imyidogo ni myishi mu bunguruza abantu n’ibintu bakoresheje ibarabara ry’igihugu inomero zitatu, Bujumbura-Rumonge. Bavuga ko barihishwa amafaranga atazwi n’amategeko, yitwa ko ari amakori ya komine muri iryo barabara. Babishikirije inyuma yaho hashizweho iyindi migozi yo kurihirako amatagisi muri komine Kabezi, mu ntara ya Bujumbura.
IV. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi bariyamiriza ingingo yafashwe n’umukuru w’umutumba mu ntara ya Rumonge, aho abuza abigeme kuva munzu inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Liliane Igiraneza asanzwe ari muri uwo muhari akaba yize n’ivyamategeko, amenyesha ko iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu. Bagasaba ihagarikwa ry’iyo ngingo, kuko ihohotera agateka k’abakenyezi.
V. Ikiza ca Covid-19 gihanze isi nticasize inyuma impunzi z’abarundi baba mu gisagara ca Huye, mu bumanuko bw’Urwanda. Abari biyungunganije, na cane cane mu rudandazwa mu bunywero no muri resitora, ubu vyose vyarahagaze. Uwuserukira impunzi asaba abafise uburyo kuronderera ahandi nko mu burimyi n’ubworozi.
VI. Aho bukera abemera Yezu Kristo barahimbaza umusi w’ivuka ryiwe. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda baganiriye na radio Inzamba, bavuga ko uwo umusi mukuru ushitse bari mu bukene bwatewe cane cane n’ikiza Corona virus. Ariko rero bakavuga ko bazogerageza kugirango banezereze abana babo.

Ibindi bisa n'ibi