I. Abasirikare batatu b’Uburundi mu bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika ku rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, MINUSCA, baraye baguye mu gitero c’imigwi yitwaje ibirwanisho muri ico gihugu, uwundi umwe arakomereka. Igitero cabaye imbere y’umutaga kuri uyu wa gatanu ku kirindiro ca Dékoa kiri mu buraruko bw’ico gihugu ku bilometero 253 uvuye ku murwa mukuru Bangui.
II. Umunyamabanga mukuru wa ONU mw’itangazo ryasohotse uno musi kuri ico gitero, arahoza ababuze, agasaba abategetsi ba Centrafrika ko hoba amatohoza kugira ngo ababigize bahanwe.
III. Abadandaza b’inyama babiri barahagaritswe, barapfungwa kuva kuri uyu wa gatanu. Ni muri zone Minago, komine n’intara ya Rumonge. Na bamwe mubacuruza ibinyobwa vya Brarudi bahanishijwe ihadabu. Iyo ngingo yafashwe n’abajejwe intwaro ku rwego rwa komine, bagiriza abahanwe kuba barikitse mu kiza mu kuduza ibiciro nk’uko amakuru ava aho mu Rumonge abivuga.
IV. Ikigabane Kw’Isôko kigaruka k’ukuntu umunsi mukuru wa Noël wahimbajwe kuri uwu wa 25 Kigarama. Abarundi bahungiye mu gisagara ca Kigali washitse bari mu bihe bidasanzwe. Ubukene n’ingingo zafashwe mu ntumbero yo guhangana n’ikiza ca Corona, vyatumye badahimbaza Noël neza.