Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/12/2020

Publié le 29 décembre 2020 par Rédaction
I. Uwahoze arongoye Uburundi Major Pierre Buyoya yashinguranywe Iteka kuri uyu musi wa kabiri, ku mugwa mukuru Bamako, w’igihugu ca Mali. Imbere yo kumushingura hakaba hatanguye inkuka ya misa yo kumusezera irya nyuma yabereye muri ico gisagara ca Bamako, mw’isengero rya Cathédrale Sacré-Coeur. Ishingurwa rya nyakwigendera President Petero Buyoya rikaba ryitabwe n’abanyacubahiro batari bake. Ishingurwa ryiwe rikaba ari ry’imfatakibanza nk’uko vyamenyeshejwe n’umuryango wiwe. Bakaba bizera ko bazomutahukana mu gihugu c’amavukiro yiwe, niyo amahoro yagaruka mu Burundi. Tubamenyeshe ko leta ya Evariste Ndayishimiye ataco irigera ishikiriza na kimwe, kuva nyakubahwa Petero Buyoya yitavye Imana kuwa 18 Kigarama, uno mwaka. Abatari bake bakaba baraneguye inyifato y’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Tubibutse ko President Pierre Buyoya yarongoye Uburundi imyaka 13. Akaba yitavye Imana afise imyaka 71 y’amavuko.
II. Ubutungane bw’Uburundi buratinya gukomakoma abantu bagirizwa ivyaha bikomeye bari mu mugambwe uri kubutegetsi. Abacamanza bagatinya kuvuga ivyo amategeko ategekanya. Bishikirizwa na  Janvier Bigirimana yanonosoye ivy’amategeko. N’inyuma yaho Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Gitega yaciriye ku mugoroba w’uyu wa mbere umunyororo w’imyaka ine n’indishi y’amafranga 2.000.000 Aimé Irambona, icegera c’uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure muri iyo ntara, arongoye kandi n’igisata kijejwe gutunganya ibisagara muri iyo ntara nyene. Akaba yafatanywe ikiziga c’umuntu giciwe umutwe. Urwo rubanza rwaciwe uko, mu gihe umushikirizamanza wa Republika muri iyo ntara yari yasabiye uyo Aimé Irambona igihano c’uguherayo. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, biragaragara ko habayemwemwo igitsure c’ubutegetsi.
III. Amande y’ibihumbi 50 umwe wese ni yo yaraye aciwe abadandaza inzoga mu bubare bwo ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge. Amakuru ava aho mu Rumonge, akaba avuga ko abo badandaza bagirizwa kunyegeza no kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi. Ivyo bibaye inyuma y’imyidogo y’abanyagihugu ko ibinyobwa vya Brarudi vyaduze kandi binyegezwa. Mu ntwaro bakaba bagabisha abo baduza ibiciro ko bazoguma bahanwa batabihagaritse.
IV. Kuri uyu wa mbere abacamanza ba sentare ya Bubanza barashashe mu ntahe y’icese ku rubanza rw’ikibiriraho, kugira humvirizwe Barutwanayo Évariste yagandaguye umugore wiwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu hashira kuwa kane. Umushikirizamanza akaba yamusabiye igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose. Barutwanayo ico caha akaba atagihakanye. Umuryango wabuze ukaba wasavye indishi y’akababaro ingana imiriyoni amajana abiri. Umwe mu baserukira umuryango wabuze, arashima uko urubanza rwagenze ariko bakagira amakenga ku ndishi y’akababaro basavye ko bashobora kutazoyibona. Uwo yagandaguwe akaba asize abana babiri, umwe afise imyaka itanu, uwundi amezi icenda. Bikaba bitegekanijwe ko urubanza ruzosomwa kuri uyu wa gatatu.
V. Hari umwigeme wo ku mutumba Gisanze, komine Bururi, ari mu minwe y’igipolisi ca Bururi, kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere. Amakuru ava aho i Bururi amenyesha ko uwo mwigeme yagirizwa kwica no guta umwana yari yibarutse. Abanyagihugu baho bagasaba ko uwo mwigeme yohanwa kugira ngo iyo ngeso iranduranwe n’imizi.
VI. Amashirahamwe akora mu kujana abakenyezi n’abigeme gukora mu bihugu vy’abarabu, ngo ntarondera abakozi gusa ngo bibe biheze. Ngo bakora ibikorwa vyinshi cane, kugeza aho abo barungika bahabwa uruhusha rwo kuja muri ivyo bihugu, ivyo bita visa, hamwe n’itike y’indege ibashikana iyo baba bagiye. Uruganda rwo kumenyesha amakuru rwa radio Inzamba agateka kawe rwaganiriye n’umwe mu bakora muri ivyo bikorwa, akavuga ko kubona reta hari aho umenga nta nguvu ibishiramwo ari uko bamwe mu bakora urwo rudandazwa rw’abantu basa n’abasumvya inguvu reta kubera amafaranga barukuramwo.
VII. Mu ntara ya Kayanza hariho abagore bakorera amabi atandukanye abo bubakanye. Bamwe mu bagabo bayaze na Radio Inzamba bavuga ko muri ayo mabi abagabo bakorerwa , hari ugutanwa abana bakiri inzoya, gukubitwa, rimwe na rimwe mbere nk’iyo mu rugo hari abana bakuze, ngo baroshwa na ba nyina babo kwifadikanya na bo kugira bakubite ba se babavyaye. Abagabo bagatinya kubivuga kugutinya ko babacishamwo ijisho. Eka mbere na bamwe mu bakenyezi bayaze na Radio Inzamba baremeza ukwo guhohoterwa kw’abagabo bagirirwa n’abo bubakanye. Ibiharuro vyegeranijwe n’ikigo kijejwe ivy’ingo n’iterambere ry’imiryango muri iyo ntara, vyerekana ko abagabo bababa 200 ari bo bakorewe ayo mabi  kuva  ukwezi kw’indwi  kw’umwaka wa 2018 gushika mu kwezi kwa gatandatu kw’uwu mwaka wa 2020.

Ibindi bisa n'ibi